Komine Rumonge irishimira ko yinjije ayarenga imiriyaridi zibiri z’amarundi mu mwaka w’2024-2025

irisnews257juillet 3, 20251min640
515865709_1334989891725559_9134069774044771307_n
Mu birori vyo guhimbaza imyaka 63 iheze Uburundi buronse intahe y’ukwikukira vyabaye ku wa 1 Mukakaro 2025, musitanteri wa komine Rumonge
Minani Augustin yamenyesheje ko ubutunzi bw’iyo komine bwiyongereye ibice birenga 50 ugereranije n’iyindi myaka bivuye ku makori n’amatagisi.
Musitanteri yagize ati: « Amafaranga komine itoza mu makori n’amatagisi yariyongereye, ikaba yabaye imwe mu ntambwe zo kumenya kwibako no kwikukira mu vy’ubutunzi. Muri uyu mwaka wa 2024-2025, ubutunzi bwa komine Rumonge bwiyongereye ku rugero rurenga ibice 50 ugereranije n’imyaka iheze, amafaranga yinjiye biciye mu makori n’amatagisi yavuye ku mafaranga 1 400 000 000 ku mwaka aja ku yarenga 2 200 000 000 uno mwaka »
Musitanteri yarashimiye abakozi ba komine bitanze batiziganya kugira ayo mafaranga ashobore kwegeranywa, hamwe n’abenegihugu bose kuko ngo batahuye ko gutanga amakori n’amatagisi ari ko kwikukira nyakuri nk’uko icivugo c’uno mwaka cagira kiti :  » Ukwikukira nyakuri ni ukumenya kwibako ariko utanse gukorana n’abandi »
Musitanteri yizeza kandi ko iyo komine itazohengeshanya gushigikira imigambi yose igamije iterambere.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire