Nk’uko Iris News yabisanze kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 08 Mukakaro 2025, ibifungurwa bimwe bimwe ibiciro vyavyo biri hejuru naho ari igihe cavyo c’isarura
Aha twovuga nk’umuceri aho ugurwa hagati y’amafaranga 4.800 na 7.000 Fbu bivanye n’ubwiza bwawo; ibiharage, mu mezi atatu aheze vyagurishwa hagati ya 3.500 na 6.000 FBu ariko ubu bigurwa hagati ya 3.000 na 5.000 Fbu. Bamwe mu badandaza n’abaguzi ngo ntibovuga ko ibiharage vyaganutse igiciro kuko ngo iyo vyeze mu myaka mike iheze, vyagurwa hagati ya 1.000 na 2.000 Fbu.
Ibindi bifungurwa twasanze biri ku giciro kiri hejuru aho mw’isoko yo mu kayanza, ni amavuta yo guteka, aho ikiro kimwe c’ayo bita amamesa kigurwa 11.000 Fbu, nayo ayo bita amakoto akaba agurwa 24.000 Fbu kw’icupa rijamwo ikiro n’inusu.
Ukuzimba kw’ibifungurwa kandi ari mu kero kavyo rero, ngo birava ku badandaza n’abandi bantu bagura ibiro vyinshi, canecane nk’umuceri n’ibiharage, bagaca babibika kugira ngo bazobidandaze ku giciro kinini haheze imisi.
Naho ivyo bidandazwa bivugwa ko biri ku giciro co hejuru, hari n’ibindi twasanze bisumika.
Aha twovuga nk’ibitoke, aho ikiro kigurwa amafaranga ari hagati ya 1.200 na 13.00 mu gihe mu kwezi kwa gatandatu guheze cagurwa 1.700 Fbu. Ikiro c’ibiraya naco kigurwa hagati ya 1.600 Fbu na 2.200 Fbu bivanye n’ubwoko bwavyo mu gihe cahora kigurwa hagati ya 1.900 na 3.000 Fbu. Ikindi kidandazwa cagabanutse igiciro nk’uko twabisanze, ni itomati. Umufungo wahora ugurwa ibihumbi 5, twasanze ugurwa amafaranga 2.000 Fbu.
Iryo gabanuka ry’ibiciro riremezwa n’abadanza twayaze. Bemeza ko akenshi mu gihe c’ici biba vyeze, arico gituma ibiciro vyavyo biri hasi ugereranije n’uko vyahora.
Post Views: 58