Mu ndwi itangura, haritezwe abaganga b’abahinga bakomoka mu gihugu ca Tanzaniya

irisnews257juillet 10, 20252min540
504379464_1340962321128316_7868577864909192439_n
Ni abaganga bazovura indwara zitandukanye ku buntu. Nazo ni: ubumuga bw’amagufa aturutse ku masanganya, ingwara z’imitsi nsonza-bwenge mu bwonko, kuvura uruti rw’umugongo, indwara zo mubihimba vy’irondoka, indwara z’umutima, indwara z’amaso, gutera amafyigo mashasha, ingwara y’uruti rw’umugongo n’udutsi twaho.
Abo bahinga bakazotangura igikorwa cabo ku ma genekerezo ya 14 gushika 18 Mukakaro ku bitaro bikuru vy’i Gitega, igenekerezo rya 21 gushika 25 Mukakaro ni ku bitaro Clinique Prince Louis Rwagasore biri i Bujumbura.
Vyashikirijwe ku wa kabiri uheze, igenekerezo rya 8 Mukakaro 2025, i Bujumbura na Gelasius Gaspar Byakanwa aserukira igihugu ca Tanzaniya mu Burundi mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.
Ni igikorwa categuwe n’ubuserukizi bwa Tanzaniya mu Burundi bufadikanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya SIDA mu Burundi hamwe n’ibitaro vyitiriwe Benjamin William Mkapa vyo mu gihugu ca Tanzaniya.
Ni igikorwa kiri mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire yo gufashanya hagati ya Tanzaniya n’Uburundi no mw’ihangiro y’Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, Samia Hassan Suluhu yo kwegereza ubuvuzi abanegihugu bagize akarere k’umuryango wa Africa y’ubuseruka.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire