“Intara uku tuyiguhaye, ukazoyisubiza ariko iri, uzoba uri ikigaba” Prezida Ndayishimiye kuri Buramatari mushasha wa Gitega

irisnews257août 1, 20252min680
IMG-20250731-WA0048

Liboire Bigirimana, Buramatari wa Gitega, yeretswe icese abenegihugu bo muri iyo ntara. Ni mu birori vyari birongowe n’Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye mu gitondo co kuri uyu wa 31 Mukakaro 2025.

 

“Twagira tumusabe ntaze atumaramaze”

Mw’ijambo ryo kwakira Buramatari mushasha, Prezida Ndayishimiye yasavye Liboire Bigirimana ko atobamaramaza kuko bamuhaye kurongora iyo ntara isanzwe irimwo umugwa mukuru w’igihugu bamwizigiye.

Ati: “Ndakeje Buramatari. Murabona ino ntara ya Gitega uko ingana, akaba ari we amajwi menshi yahuriyeko nkumva bose bambwira bati: uwo tubona yobishobora, agashobora kuturongora. Ati ni urya, ni uwo gukezwa.”

Evariste Ndayishimiye ati kandi narakurikiranye ndumviriza mwese, ndumviriza n’abenegihugu bo mu zindi ntara baravuga bati: “Urya mu Buramatari arabishoboye. Twagira tumusabe ntaze atumaramaze. Ntaze atumaramaze!”

Prezida yatumiriye Buramatari wa Gitega kubanza gukizura intara yose

“Turagusavye ubanze ukizure Gitega yose. Urabe uko uyironse, ubanze uyikizure. Urabe neza ingene uyironse isa, imeze, uce wigira inama y’uko nawe uzoyisubiza yagwijije na kabiri, gushika aho bavuga bati: ‘Mbega burya urya mu Buramatari umunsi twomubura, tworonka uwundi wahe?’ Intara uku tuyiguhaye, ukazoyisubiza ukwiriye, uzoba uri ikigaba, uzoba atumaramaje. Utegerezwa gutera iyindi ntambwe. Raba ibibuze vyose muri iyi ntara, uvuge uti: ntegerezwa kubizana. Nubwo butwari, ntuze rero urere amaboko.”

Buramatari mushasha ati: “Nabumvise!”

Liboire Bigirimana yamenyesheje Umukuru w’Igihugu ko yumvise impanuro yahawe, akaba yamenyesheje Umukuru w’Igihugu n’abenegihugu bo mu ntara ya Gitega ko agiye kubifata nkama kandi atazobamaramaza. Agasaba abenegihugu ko batorera amaboko bomufasha bakamushigikira mu bikorwa kugira vyose bigende neza.

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire