Abagabo mu gahinda, ishirahamwe rishishikaye ku mirimo n’ubwo abatari bake bakibona ibikorwa vyaryo nk’ubufyinasi

Bienfait Cakwerijanvier 13, 20263min430
20260112_191918

Iri shirahamwe rifise icicaro gikuru mu ntara ya Butanyerera neza na neza muri Komine Kayanza. Ariko, kuwa 10 Nzero 2026, haruguruwe ishami ryayo mu ntara ya Gitega, aho hanashizweho inzego nyobozi muri ako karere. Iri shami rya Gitega ryuguruwe inyuma y’iryashinzwe i Bujumbura, mu ntumbero yo gupfunyiriza urugendo abanywanyi bahora baryitura mu Kayanza.

N’ubwo riri ku kivi, ibikorwa vy’iri shirahamwe bifatwa nka ‘comédie’ n’abatari bake. Yamara ibitigiri vy’abagabo bahohoterwa vyo bitera vyiyongera, nk’uko vyashizwe ahabona n’uwurongoye ishirahamwe ‘Homme en Détresse’.

Boniface Nduwimana, aserukira imbere y'amategeko ishirahamwe Abagabo mu gahinda
Boniface Nduwimana, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe Abagabo mu gahinda

“ Abagabo bubahutse bakadushikira kutubwira amabi bagowe kuva mu 2021, bangana 479. Muri abo, 159 bakorewe ihohoterwa rifatiye ku butunzi ”, niko Boniface Nduwimana yabwiye abamenyeshamakuru kuwa 18 Munyonyo 2025 mu kiganiro yabahereye i Bujumbura.

Kuri uyu wa gatandatu uheze n’aho, aho yari ahagarariye ibikorwa vyo gutora indongozi z’ishirahamwe mu karere ka Gitega, yavuze ko ibitigiri vy’abagabo babitura bavuye muri iyo ntara atari benshi. Yemeza ko ‘’atari kubera badahari, nyabuna ngo hari abagitinya kuvuga ayo mabi’’

Boniface Nduwimana yatangaje ko kimwe muvyo izo nzego z’ako karere zizoba zijejwe harimwo kwubahura abagabo ngo bashikirize amabi bakorerwa mu ngo.

Urwego rw’Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu — OPDD ruremeza ko hariho abagabo bahohoterwa

Mu rwego OPDD baremeza ko hariho abagabo bahohoterwa mu ngo zabo

Mu birori vyo gutanguza isekeza ry’imisi 16 yahariwe kugwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme, vyabereye i Gitega ku wa 4 Kigarama 2025, Angéline Ndayishimiye yarerekanye ko, n’ubwo bidakunze kuvugwa, hariho abagabo bahohoterwa mu ngo zabo.

Yagize ati : “ Mwarabonye ko hasigaye hariho ishirahamwe ‘Abagabo mu gahinda’. Nta vyama vyera ngo de, ntituje ng’aho dushire agati mu ryinyo ngo ni umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe kugwanya ihohoterwa ry’abakenyezi n’abigeme. Turasavye ababijejwe n’Abagabo mu gahinda muzobumvirize.”

Ngo nivyo, abigeme n’abakenyezi bahohoterwa ni benshi ariko hariho n’abagabo usanga bahohoterwa. Aha yatanze akarorero ubwiwe yiboneye.

Ati : “Jewe naragiye gusuhuza umugabo twakorana. Yatashe yarushe aryamye gatoya ngo arindiriye ko bamucumbira ubugari ariko bashuhije amarike yo kumuturira.

Angéline Ndayishimiye yerekanye ko ihohoterwa nk’iryo riva ku rukundo ruke ruba rwatitutse mu miryango y’abubakanye.

Mw’ishirahamwe ‘Abagabo mu gahinda’, barakenguruka cane kuba urwego nka OPDD rubazirikana, ndetse umukuru waryo, vuba cane aherutse gutangaza ko rigiye gushiraho abariserukira mu ma komine yose.

 

 

Loïc Bienfait Cakweri

Bienfait Cakweri


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire