« Abanyeshure batwara inda muri Kaminuza baziterwa na bande ? […] si uko mukwiye kubakira. »

Evalde Izikwumvajanvier 19, 20262min290
1768835741356

Aya majambo yavuzwe na Patiri Arcade Nitunga, arongoye Paruwasi Mutima w’Ubwitonzi yo ku Mutanga Sud, akaba n’umwibutsamana wa Kaminuza y’Uburundi.

Patiri Nitunga yamenyesheje ko akunze kwakira abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi bamwitura, bipfuza kwakira amasakaramentu inyuma yo gutwara imbanyi bwa sanganya.

Nk’uko bitegekanijwe n’inyigisho z’Ekleziya Katorika, uwatwaye imbanyi asabwa gusubizwa mu muryango w’abemera. Ivyo ngo biribonekeza cane muri Kaminuza y’Uburundi, aho abigeme benshi batwara imbanyi mu gihe baje kwiga.

Yagize ati : « Abanyitura akenshi ni abanyeshure bo mu mwaka wa mbere, hamwe n’abake bo mu wa kabiri. »

Yakomeje amenyesha ati : « Ni aba poils. Ariko si uko mukwiye kubakira, si uko mukwiye kubamenyereza. Baje kwiga. Ntibavuye iwabo baje kurondera abana, baje kurondera ubumenyi. »

Yabasavye rero kubamenyereza ivyo babwirizwa kumenya, yibutsa ko uko Kaminuza yakira umunyeshure ari ko ishobora no kumwirukana, kandi uko yinjiye ari ko ashobora no gusohoka.

Mu gusozera, Patiri Arcade Nitunga yamenyesheje abashasha ati : « Ko mwaje kwiga, ni mukore icabazanye, ibindi vyose mubanze mubireke. »

Aya majambo yavugiwe ku wa gatandatu igenekerezo rya 17 Nzero 2026, mu birori vyo kwakira ku mugaragaro abanyeshure bashasha muri Kaminuza y’Uburundi, mu kubinjiza mu cigaro c’aba “poils”. Ivyo birori vyabereye mu kigo ca Kaminuza co ku Mutanga, inyuma y’ibikorwa rusangi n’inkino vyabere mu kigo c’i Kiriri.

 

Evalde Izikwumva


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire