OBR itanguje e-Kori, urubuga rushasha rwo kwihutisha no gutunganya neza ikori

Evalde Izikwumvajanvier 20, 20262min430
E-kori

Ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi (OBR) caratanguje ku mugaragaro urubuga rushasha rwiswe e-Kori, rugamije kworosha no kwihutisha ibikorwa vyo kwegeranya amakori, no gutuma seruvisi zihabwa abanyagihugu zigenda neza kurushiriza hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi.

Ivyo bikorwa vyabaye ku wa 19 Nzero, ku cicaro gikuru ca OBR mu nyubakwa ya Virago, bikaba vyari vyitabwe n’Umushikiranganji w’Ikigega ca Reta, Dr Alain Ndikumana, hamwe n’abarongoye OBR n’abandi bategetsi bo mu gisata c’ubutunzi.

Uru rubuga rwa e-Kori ruzokoreshwa cane cane mu gushigikira uburyo bwo kuriha ikori hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi, gutanga ibisabwa bijanye n’ikori, no gukurikirana ibikorwa bitandukanye vya OBR, ivyo vyose umunyagihugu atiriwe aragenda ku cicaro ca OBR. Ivyo bizotuma hakingirwa umwanya, amafaranga n’ingendo zidafise akamaro, mu gihe hongerwa umutekano n’ubwizigirwa bw’ibikorwa vyo kwegeranya ikori mu gihugu.

Nk’uko vyashikirijwe n’Umushikiranganji Dr Alain Ndikumana, uru rubuga rushasha ruzotuma habaho kworosha no kunagura uburyo bwo kuriha ikori ku banyagihugu n’abikorera utwabo, gucunga neza amahera y’amakori yinjira mu kigega ca Reta, gukurikirana inkomoko n’ikoreshwa ry’amafaranga mu buryo buboneka kandi bworoshe, no gutuma ibikorwa vya OBR bikorwa neza, vyihuse kandi mu muco.

Yamenyesheje kandi ko intumbero nyamukuru ya e-Kori ari ugukomeza icizere hagati ya Reta n’abanyagihugu. Yavuze ko iyo uburyo bwo gukora bworoshe kandi bukaboneka kuri bose, bituma umunyagihugu atahura ico asabwa, akemera gutanga ikori ku gushaka, bityo akagira uruhara rufatika mu guteza imbere igihugu ata gahato.

Dr Alain Ndikumana yarashimangiye ko uwo mugambi wa e-Kori winjira mu murongo w’ibikorwa vya Reta vyo guhinyanyura no kunagura uburyo bwo kwegeranya no gucunga amahera y’igihugu, hakurikijwe ingingo zikomeye ziri mu mugambi wo gusubiza ku murongo ubutunzi bw’igihugu (Programme pays de stabilisation macroéconomique). Ivyo kandi bikaba bihuye n’ihangiro ry’iterambere riramba ry’igihugu, nk’uko bitegekanijwe mu mbonakazoza y’Uburundi 2040–2060.

 

 

Evalde Izikwumva


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire