
Uravye uko abantu bakiriye urupfu rwa Patiri Amando Kana, yahora arongoye Foyer de Charité de Bujumbura vyatwibukije ko izina ry’umupatiri rishobora kugera kure rikarenga impome z’amasengero yigishirizamwo akisanga yabaye kimenywanabose. Ng’aha turagaruka kuri bamwebamwe muri bo bamenyekanye bidasanzwe.
Patiri Adriyano Ntabona
Ni abarundi bake bovuga ko batarumva izina ry’uyu mu patiri yamenyekanye nk’umwigisha w’amakaminuza na canecane Kaminuza y’Uburundi, igisata c’imico n’imigenzo nyafrika.
Adriyano Ntabona ashobora no kuba ariwe mupatiri yamenyekanye kurusha abanda bose bamaze kubaho mu Burundi ukuyemwo abasenyeri.
Uyu, yavukiye mu 1939 muri paruwase Kiganda, ahabwa ubupatiri mu 1966 ari kumwe n’uwahavuye amubera umwungere Evariste Ngoyagoye. Ntabona azwi kandi nk’umwe mu bakanguye bongera barateza imbere ibijanye n’Ubushingantahe mu Burundi.
Ntabona yamenyekanye kandi kubera paruwase Mutima w’Ubwitonzi yo ku Mutanga yabereye Patiri Mukuru wa mbere kuva mu 1996. Iyo nayo ikaba yatanguye nk’itabariro ryo gusahiriza abanyeshure bo mu ma kaminuza mu gusenga, guhabwa amasakaramentu no mu nyigisho rukristu. Ivyashoboye gusanasana imitima ya benshi inyuma y’ubwicanyi bwabereye muri kaminuza y’Uburundi mu 1995.
Mu 2010, Ntabona yashikirije iciyumviro cateje impari nyinshi. Muri imwe mu nkuka z’imisa yahereje kuri Paruwase Mutima w’Ubwitonzi yagize ati : “abapatiri bari bakwiye kurekurirwa kurongora nka kimwe mu buryo bwo kwirindi ubwiyorobetsi bwa bamwe muri bo bikinga agahumbezi.”
Musenyeri Jean Louis Nahimana
Uyu mupatiri yitavye Imana mu 2021, yari umunyakinama mu gisagara ca Bujumbura.
Yamenyekanye cane nk’umukuru wa mbere w’umugwi wo kuvugana ukuri no kurekurinira kw’Abarundi, CVR kuva mu 2014 gushika mu 2018. Yamenyekanye kandi mu rukino rwa karaté yari afisemwo umukenyero (ceinture) wirabura.
Jean Louis Nahimana yavukiye mu gisagara ca Rennes mu Bufaransa mu 1964. Yahawe ubupatiri mu 1992, akorera mu maparuwase atandukanye harimwo nka Muramvya, Nyakabiga na Katedrale Regina Mundi, yarabaye icegera ca Musenyeri wa Bujumbura araba Umunyamabanga Mukuru w’Inama y’Abepiskopi ku bibazo vy’Ubutungane n’Amahoro – CEJP.
Yari afise Master mu vyigwa ntohozamana – Théologie Dogmatique.
Yari azwi nk’umuntu yiyorosha yitanga mu guharanira amahoro n’ubutungane.
Musenyeri Serapiyo Bambonanire
Serapiyo Bambonanire yavukiye i Mugina mu ntara ya kera ya Cibitoke mu mwaka w’1948. Uyu yamenyekanye cane arongoye umugwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo – CNTB, umugwi yagenywe kurongora kuva mu 2011 gushika mu 2015. Akamenyekana cane kubera amajambo yashikiriza akomeye no kuba ntabanduka kuho yashize ingingo.
Bambonanire yibukwa na canecane ku ngingo yafashe mu 2013, mu gusohora mu nzu, mu matati yamenyekanye cane kw’izina rya “Affaire Nyakabeto”, umuryango wa Justin Nyakabeto, wo mu Ngagara eka mbere n’ahandi yigeze kwumvikana yiyamiriza Buramatari wa Makamba yari yahagaritse ingingo za CNTB ati : “Ivyo Buramatari yakoze ibidakorwa, ariha akamenyo, […] yaridigadize biranka ko atwenga.”
Bambonanire yatiwe mu Bupatiri mu 1975, akaba yabaye hanze y’Uburundi imyaka 37, aho yakoze igihe kirekire mu Biro vya Papa bijejwe imigenderanire akorera mu bihugu vya Venezuela, Népal, Ubuhindi, na Siriya.
Patiri Jean Baptiste Ntahokaja
Patiri Jean Baptiste Ntahokaja yari umuhinga w’agakura mu vy’inyigisho y’indimi. Azwi cane kubera uruhara rwiwe mu kuryohora no gukora ubushakashatsi bwimbitse mu rurimi rw’ikirundi. Yavukiye mu Rusengo (Ruyigi) mu 1920, yitaba Imana mu 1995 i Bujumbura.
Inyuma yo guhabwa ubupatiri, Ntahokaja yakoze ivyigwa vy’indimi kuri Kaminuza Katorika ya Louvain mu Bubiligi, mu nyuma yaratahutse ashika akorera ubushakashatsi mw’iseminari ya Mugera no muri Kaminuza y’Uburundi.
Aha muri Kaminuza y’Uburundi niho yashiraho ubuhinga bw’inyandiko n’indimburo y’ikirundi n’uburyo bw’inyigisho y’ururimi, bituma urwo rurimi rutunganywa mu buryo bugezweho.
Ikindi catumye amenyekana cane ni uko yagize uruhara mu kwandika indirimbo y’igihugu “Burundi Bwacu” mu gihe c’ukwikukira kw’Uburundi mu 1962. Yari arongoye umugwi w’abanditsi mu gihe umuziki w’iyo ndirimbo wateguwe na Marc Barengayabo.
Mu buzima bwiwe, Ntahokaja yanditse ibitabu vyinshi ku kirundi, imigenzo n’imigani ya kera, Inyuma yo kwitaba Imana yahawe imidari n’ubushimwe bwinshi.
Patiri Dieudonné Nibizi
Ni we akiri muto mu bavugwa ng’aha. Azwi cane kubera uruhara rwiwe mu mwuga wo kumenyesha amakuru, kurongora igisata co kumenyesha amakuru muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura.
Yavutse mu 1976 muri komine Makebuko (intara ya Gitega), amashure yisumbuye yayize muri Petit Séminaire ya Mureke. Yatiwe mu bupatiri mu 2008.
Yarabaye umurongozi w’igisata kijejwe amahoro n’ubutungane muri diyoseze nkuru ya Bujumbura, hanyuma aja kunonosora ivyigwa vyisumbuye mu guhanahana amakuru kuri kaminuza yitwa Université Pontificale Salésienne i Roma, aho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo rwa doctorat mu 2019.
Patiri Niyibizi yabaye kandi Patiti mukuru wa Mutima w’Ubwitonzi yo ku Mutanga Sud ndetse abifatanya no kuba umwibutsamana w’abamenyeshamakuru n’incabwenge (les intellectuels).
Akunda kandi kwitaba amahuriro, gutanga inyigisho n’ibiganiro ku bijanye no kumenyesha amakuru, kugwanya ubutumwa bw’amacakubiri n’imvugo zibiba urwanko, hatibagiwe guteza imbere umwuga wo kumenyesha amakuru.
Patiri Michel Kayoya
Uyu mwanditsi yamenyekanye cane kubw’ibitabu vyiwe bibiri : « Entre deux Mondes » na « Sur les traces de mon père »,
Musenyeri Joachim Ntahondereye, umusenyeri wa Muyinga, agira ati Michel Kayoya nk’umuntu yakunda ukuri n’ubutungane, ntiyigeze na rimwe yemera guhinyika ukuri.Avuga ati: « Ntiyari umuntu wo gufukira ukuri, (…) yahitamwo kuvuga ku mugaragaro, atigera ahisha umutima wiwe mu mayeri. »
Michel Kayoya yavukiye mu Kibumbu, muri komine ya kera ya Kayokwe, intara ya kera ya Mwaro. Aho ni ho yize amashure y’intango, hanyuma aja kwiga mw’iseminari y’i Mugera, abandaniriza mw’iseminari nkuru y’i Burasira. Mu nyuma yafashe inzira y’i Buraya, aja kwiga ivyigwwa ntohozamana i Heverlee mu Bubiligi, imbere y’uko yatirwa mu bupatiri ku wa 8 Mukakaro 1963.
Mu mwaka w’1967, yagizwe umuyobozi w’iseminari y’i Mugera. Prezida Sylvestre Ntibantunganya, umwe mu banyeshure biwe muri ico gihe ati : « Igihe yatwara iseminari ntoya y’i Mugera, yari umuyobozi mwiza. Yaricisha bugufi, kugeza aho aja gusangira n’abanyeshure ku meza imwe imyumbati n’ibiharage »
Mu 1970 yarungitswe gufasha muri diyoseze nshasha ya Muyinga. Aho yahakoresheje ubumenyi yari yararonse mu gikorwa co kwigisha ubutumwa mu bantu bo hasi n’abakozi, yari yigiye i Lille mu Bufaransa, kugira azamure ubutunzi bwa diyoseze yari iri mu ngorane zikomeye. Naho yigenjeje neza cane muri ico gikorwa, ntiyatevye kwikwegera abansi, mbere no mu bapatiri bagenziwe. Mu 1972, yasabwe gusubira muri diyoseze yakomokamwo.
Yarakunda iterambere cane. Yabaye imboneza mu gushiraho amakoperative menshi y’abanyagihugu, kandi yarondeye cane ko ibikorwa vya Ekleziya bifasha mw’iterambere ry’abantu batobato.
Michel Kayoya yishwe ku wa 15 Rusama 1972. Ivyabona vyemeza ko gushika ku mwanya wa nyuma w’ubuzima bwiwe, yariko aririmba amashemezo “psaumes”.








