
Ishamba si ryero hagati ya Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump n’umugwizatunga w’Umunyamerika, Elon Musk.
Kuva mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi 2025, aba babiri bariko bararyana mu gihe bahora bacuditse. Kw’igenekerezo rya 5 Mukakaro, Elon Musk yatangaje ko agiye gushinga umugambwe mushasha witwa the “America Party”.
Mu masaha yakurikiye iryo tangazo, Trump yatangaje ko uwo mugambwe ari “akamenyo, utagira umutwe n’amaguru, mbere ngo nta nico ushobora gushikako”. Trump yagirije Musk guhungabanya umutekano w’igihugu no gushaka gusenyura umugambwe w’Abarepubulikani Trump asanzwe akomokamwo.
Musk we yagaragaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifise ikibazo gikomeye co kuba zarigaruriwe n’imigambwe ibiri – aba repubulikani n’aba demokrate — kandi ko ari ngombwa “gusubiza abanyagihugu ijambo ryabo”. Yongeye avuga kandi ko agiye gushigikira abakandida bashasha bashobora guhangana n’abo yise “abatemvya igihugu”.
Trump akavuga ko Musk “yamaze guta umurongo” kandi “agomba kwitonderwa”. Yanavuze kandi ko afise umugambi wo gukuraho amasezerano ya Leta n’ibigo vya Musk birimwo Tesla na SpaceX, ndetse anaha ubutumwa Musk ko “ashobora no gusubizwa iyo yaje ava”, ni kuvuga muri Afrika y’Epfo. Ni mu gihe Musk amaze imyaka irenga 20 afise ubwenegihugu bwa Amerika.
Inkurikizi ku butunzi bwa Elon Musk
Ibigo vya Elon Musk vyatanguye kugaragaza uruhombo inyuma y’iyi politiki nshasha, aho agaciro k’ibipande vy’imitahe ya Tesla kagabanutse ko hafi 7% kw’isoko. Abanyamitahe mu bigo vya Elon Musk batanguye kugaragaza impungenge z’uko Musk ashobora kuba yiziziwe n’ibibazo vya poritike kurusha kwitaho ubucuruzi bwiwe.
Ico bivuze ku matora ya 2026
Iyi ntambara y’amajambo irashobora kugira ingaruka zikomeye ku matora yegereje muri Amerika, aho bamwe bashobora gushigikira Musk nk’“umuvugizi mushasha w’abanyagihugu”.
Abakurikiranira hafi ivya poritike muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko ari hamwe Umugambwe America Party wa Elon Musk, uramutse wemerewe kwiyamamaza, ushobora gucamwo kabiri amajwi y’Abarepubulikani, ivyogirira akamaro abatavuga rumwe na Trump.


