
Vyashikirijwe na Oscar Uwikunda, umuyobozi mukuru w’ikigo ODECA kuri uyu wa 7 Mukakaro 2025 mu bikorwa vyo gutanguza icese co gusigurira abarimyi b’ikawa iyo ntuganyo nshasha yo kubahemba kw’itonorero ry’ikawa riri ku mutumba Korane, zone Kabanga, komine Giheta, ya Gitega.
Abarimyi b’igiterwa njabukamazi c’ikawa rero bagiye kuza barahembwa amafaranga yabo biciye kuri ngendanwa zabo canke ku makonti yo mu ma banki n’amashirahamwe yo kuziganya kubayafise.
Oscar Uwikunda yamenyesheje ko : “ubwo buryo bushasha bwo guhemba abarimyi buje kuborohereza kuko bizotuma amafaranga yabo bayaronka vyihuse mu gihe ngo vyahora bifata amezi menshi, yamenyesheje kandi ko ababikura amafaranga bakoresheje Lumicash, Ecocash n’iyindi muhira ko batazorinda kubakata ayo kubikura kubera ko Reta yayabarengerejeko.”
Abarimyi barashima
Ubu buryo bushasha bwo guhembwa ni bwiza, buzogabanya ubusuma bwahora bukorwa aho abagizi ba nabi bahora bategera nk’abavuye guhembwa, ikindi amafaranga ari kuri konti ngo tushobora kuyonona kuko uza urakurako ayo ukeneye gukoresha”, nk’uko twavyiganiwe n’umwe muri bo.
Ni mu gihe Oscar Uwikunda agira ati : “Ubwo buhinga buzotuma mu mwaka uza umurimyi yiyandikishije neza n’inyuma y’indwi zibiri canke ukwezi ashobora guhembwa.”
Abanyagihugu basabwa gukorera mu nani z’abarimyi
Kubwa Oscar Uwikunda, abarimyi b’ikawa bo ku mitumba ngo bomenyera gukorera mu nani zo ku mitumba, ngo niho vyokworoha kubasabira ingurane mu mabanki no mu yandi mashirahamwe atanga ingurane. Vyokworohera kubaha imiti n’ibikoresho kuko bizokworoha kumenya abakorera ibipimo vyabo neza.
Amafaranga agura ikilo yagwijijwe na kabiri
Uwikunda Oscar yarashikirije kandi abarimyi agakuru keza aho ngo Reta iherutse kubongera amahera ku giciro c’ikawa bita cerise, ikazogurwa amafaranga 2 800 Fbu yahora kuri 1 280 Fbu ku kilo, nayo iya kabiri ikazogurwa amafaranga 1 400 Fbu ku kilo yahora 600 Fbu ku kilo.
Oscar Uwikunda ahamagarira abarimyi kuja ku kivi bagasasira ikawa zabo kuko ngo arico gihe co kuzisasira no kuzituturira. Uwo muyobozi yaciye ashikiriza abarimyi b’ikawa ibikoresho bigizwe n’amarozwari, n’imikasi n’udupanga two gututurira ikawa.
Nayo ngo ihemba nyezina rizotangura vuba cane, ngo bahejeje kwisuzuma ku ntonde hamwe no kuzikosora.



