Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta butegekanya kwegeranya amafaranga angana n’imiriyaridi 4 821,82Fbu, muri ayo, ayazova mu makori n’amatagisi ashika imiriyaridi 2207,99Fbu
Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Nestor Ntahontuye ejo hahise igenekerezo rya 9 Mukakaro 2025 mu nama yo kurabira hamwe n’abo vyega bose ingene amafaranga azokoreshwa muri uyu mwaka w’amafaranga w’2025 – 2026 yabereye i Bujumbura.
Aho, Nestor Ntahontuye yibukije ko amafaranga Reta itegekanya gukoresha muri uyu mwaka w’ 2025-2026 angana n’imiriyaridi 5 258,6Fbu yamara ko hari igihengeri c’amafaranga angana n’imiriyaridi 436,8Fbu.
Ntahontuye avuga ko guteza imbere ubuhinga bwo kwegeranya amafaranga mu gihugu mu gutoza amakori n’amatagisi hifashishijwe ubuhinga bwa none be n’ukugwanya urudandazwa rwo mu kinywabi ari bimwe mu bizofasha kwegeranya amafaranga Reta izokoresha kugira aboneke. Ubu ifaranga ryose risohotse ribwirizwa kugira akamaro kuboneka kandi rikaza guteza imbere ubuzima bw’abenegihugu.
Ni muri iyo ntumbero yo kugira vyorohe kubona ukwo amafaranga ariko arakora, umushikiranganji yasavye ko buri mezi atatu, ibisata vyose bihabwa uburyo na Reta bisabwa kwama bitanga icegeranyo c’ingene vyakoresheje uburyo vyahawe (Rapport Trimestriel).
N’ayo ku batangakori, Nestor abasaba gutanga amakori n’amatagisi kandi bakaraba ko babahaye icemeza giciye muri ka kamashine (Machine de facturation) ku mwanya kugira imigambi y’iterambere ishobore kuranguka neza.
Abenegihugu nabo basabwa n’umushikiranganji kubabera ijisho n’ugutwi mu gushengeza uwo wese bazobona canke bazokwumva adatanga inyemezabuguzi(Facture) uwumushoreye mu ntumbero yo gutuza abikika mu kiza ngo ntibatange ikori.
Post Views: 58