Igice kijanye n’ibikorwa vyinshi ari 5 cnke 6 kibure 7 bizohabwa amafaranga ku bice hanyuma baze barazana kwerekana ingene amafaranga yakoze gutyo mu bushikiranganji barabe y’uko uburyo bwakoze neza kandi bwakoze ukwo butegerezwa gukoreshwa.
Uwutazoba yashoboye ubwo buryo kwerekana ukwo bwakoze, ntazoronka ikindi gice kizokwirikira, azobanza gutanga umusaruro w’igikorwa w’ayo yahawe ubwa mbere, ayo azohabwa mu nyuma azotangwa babonye aya mbere ico yakoze ndetse hariko n’ibiyaranga yose nka factures canke contrat n’ibindi…, vyerekana ko ico gikorwa cakozwe.
Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Nestor Ntahontuye mu nama yo kurabira hamwe ingene amafaranga azokoreshwa muri uyu mwaka w’amafaranga w’2025 -2026 ari kumwe n’abagengwa bose n’ugukoresha amafaranga ya Reta, yabereye i Bujumbura.
Post Views: 54