Itangwa ry’iyo ngurane ku banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi ririko rikorwa n’ibanki Banque de Crédit de Bujumbura, BCB. Ivyo tukaba twavyiboneye mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi kiri ku Mutanga kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Nyakanga 2025. Nkuko twabisiguriwe n’abakozi b’ibanki BCB bariko barakira ababitura ngaho mu kigo co ku Mutanga, iyo ngurane iriko itangwa […]