Ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi (OBR) caratanguje ku mugaragaro urubuga rushasha rwiswe e-Kori, rugamije kworosha no kwihutisha ibikorwa vyo kwegeranya amakori, no gutuma seruvisi zihabwa abanyagihugu zigenda neza kurushiriza hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi. Ivyo bikorwa vyabaye ku wa 19 Nzero, ku cicaro gikuru ca OBR mu nyubakwa ya Virago, bikaba vyari vyitabwe n’Umushikiranganji […]