Mu gihe ikibazo c’ugucikagurika kw’umuyagankuba kimeze nk’akarande mu bisagara bitari bike, hari bamwe mu Barundi bakorwako cane. Abagwayi bagendana indwara zibasaba gufata imiti y’ibinyabuzima ikenera kubikwa ahantu hakanye. BS*, aba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, agendana indwara ya diabète imusaba kwitera urushinge rw’insuline kabiri ku musi yabwiye Iris News ko ibihe vy’ukubura umuyagankuba bimushira mu […]