Abadandaza b’abarundi bahurikiye muri COMESA bagiye kworoherwa mu kuronka ubwishingizi biciye ku buhinga bwa none

irisnews257juillet 3, 20252min660
514355616_1334972011727347_5130919671185500338_n

Biciye mu bushikiranganji bw’ubudandaji, Uburundi bwaraye bubaye igihugu ca mbere mu bigize umuryango w’isoko rusangi COMESA, mu gutanguza ubuhinga bwa none bise RGTD( Régime Nationale de Garantie du Transit sous Douane), bugiye gukoreshwa mu kurondera impapuro z’ubwishingizi bw’urudandazwa ndengambibe. Hari kuri uyu wa 2 Mukakaro 2025 i Bujumbura

Charles Ndagijimana, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe SOCABU yamenyesheje ko ubwo buhinga buzozana akarusho ku bahora baja kurangura vyasaba ko basiga amafaranga mu gihugu cose bagenda baracamwo, kugira bazoyasubizwe mu gihe ibidandazwa bishitse iyo bigiye.

Yagize ati : « Biciye muri ubwo buhinga, ishirahamwe ry’ubwishingizi riratanga urupapuro rwemerera umudandaza gutwara ibidandazwa ata na hamwe mu bihugu bigize COMESA arishe, ndetse n’aho ibidandazwa bitoshika iyo biriko biraja bikazimira, ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR kirashobora kwishuza ishirahamwe ry’ubwishingizi amafaranga yari kwinjira mu kigega ca Reta »

Charles Ndagijimana yahumurije ko ata busuma buzobamwo ngo kuko ari ubuhinga buteye imbere, ndetse ngo hazoba hariho n’uburyo bwo kubona uko izo mpapuro zitangwa ndetse n’uko izo mpapuro z’ubwishingizi bw’ibidandazwa ari iz’ukuri ata busuma burimwo.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandaji, Christine Niragira yamenyesheje ko ubwo buhinga bwa none buje guteza imbere no gukingira urudanzwa ndengambibe mu kugabanya amafaranga y’impapuro zerekana ko ibidandazwa vyarihiwe ubwishingizi, ndetse bigatwara n’umwanya.

Christine Niragira amenyesha kandi ko umwanya abakozi bo ku mipaka bahora bakoresha kugira ibidandazwa bironke ivyagombwa uzogabanuka.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire