Igihe c’uburuhuko ku banyeshure kigeze, harabaho ikena ry’aho dukura amaraso

irisnews257juillet 3, 20252min510
514870500_1335231018368113_8112393942519482707_n

Ivyo, vyashikirijwe na Nzitunga Dieudonné, umwe mu bajejwe ikigo kijejwe kwegeranya amaraso mu ntara ya Gitega. Ni mu gihe bariko begeranya amaraso kuri uyu wa 1 Mukakaro 2025 igihe bariko bahimbaza imyaka 63 irangiye Uburundi bwikukiye.

Dieudonné agira ati: « Abanyeshure nibo ahanini batanga amaraso. Si ukuvuga ko abandi batavyijukira, oya! Ni kubera y’uko mu mashure niho turonka abantu baba begeraniye hamwe, bikatworohera kuronka abantu, nibo duheza tugahimiriza kugira batange amaraso. »

Hokorwa iki kugira abantu batahure akamaro ko gutanga amaraso?

Nzitunga yibutsa ko igikwiye gukorwa ar’uko abantu bose batahura ko igikorwa co gutanga amaraso ari igikorwa gifitiye akamaro twese, abantu bose, imice yose baba abahambaye n’abatobato, barakwiye gutahura y’uko gutanga amaraso ari ikintu c’inyungu rusangi kuko twese kugwara biradushikira nta muntu numwe atokenera amaraso. Nico gituma uwariwe wese yarakwiye kumva kwari ibwirizwa gutanga amaraso kuko ari ku neza ya twese.

Ikindi Dieudonné ahanura abajejwe intwaro n’uko bofasha mw’ihimiriza mu gihe bariko barakoresha ama nama kubo bajejwe, bagatanga ubutumwa ko gutanga amaraso ari igikorwa ca twese, ari ku neza y’amagara yacu kuko twese tugwaye dukenera amaraso.

Twibukanye:

Gutanga amaraso vyemerewe uwufise imyaka iri hagati ya 15 na 65, ashikana ibiro 50, akaba ufise amagara meza.
Abatemerewe gutanga amaraso ni abakenyezi n’abigeme bonsa, bibungenze hamwe n’abari mu butinyanka.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire