Ingabo z’uburundi mu bikorwa vy’Ubugiraneza mu Rwanda

irisnews257juillet 3, 20251min760
FB_IMG_1751549749649

Mu gihe imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ihitiye mu bibazo kuva muri Nzero 2024, abasirikare b’Uburundi bariko barafasha abanyagihugu bo mu turere twa Ngoma na Nyanza mu Rwanda, biciye mu bikorwa vy’ugufashanya hagati y’igisirikare n’abasivile.

Ivyo bikorwa bigeze mu ndwi igira gatanu y’ibikorwa vyahariwe ugufashanya kwa gisivile na gisirikare (cooperation civilo-militaire), bihuriyemwo ibihugu bigize Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko (EAC).

Nk’uko vyashikirijwe n’igisirikare c’Uburundi ku rubuga rwa X, abasirikare b’Uburundi bariko baratanga imiti n’ukuvura ku buntu ku banyagihugu batishoboye muri ivyo bice vyo mu Rwanda.

Ibi bikorwa biriko biraba mu gihe Uburundi bugifitaniye amatati na reta y’Urwanda, kuva aho bwugariye imbibe, buvuga ko Urwanda ruhaye indaro kandi rushigikira imirwi ihungabanya umutekano w’igihugu.

Hari kandi ukutumvikana kw’ivyo bihugu ku kibazo c’umutekano mu buseruko bwa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo, aho Urwanda rwagirizwa gufasha umugwi wa M23, mu gihe Uburundi buri kumww n’ingabo za reta ya Congo mu guhangana na wo.

Ibi bikorwa vy’ubugiraneza vy’igisirikare bigaragara nk’inkuru nziza hagati y’ibi bihugu bibiri, bigatanga umwizero ko imigenderanire ishobora gusubira kugenda neza, bikarangira n’imbibe zisubiye kwugururwa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire