
Inama Nkenguzamateka yemeje kuri uyu wa 3 Mukakaro 2025 ba Buramatari bazorongora intara zitanu (5) zigize Uburundi.
Buhumuza : Dénise Ndaruhekeye
Bujumbura : General Major Ndayikengurukiye Aloys
Butanyerera : Gen de brigade de police Victor Segasago
Gitega : Liboire Bigirimana
Burunga : Mboninyibuka Parfait
Ayo mazina akaba yarungitswe n’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo yemezwe n’abakenguzamateka.
Mbega abo ba Buramatari ni bande ?
- Liboire Bigirimana agiye kuramutswa intara ya Gitega.

Uyu yizewe n’umukuru w’igihugu akemezwa n’inama nkenguzamateka ngo aze arongore intara yagutse ya Gitega mu myaka itanu iri imbere, avuka mu ntara ya kera ya Mwaro.
Yahora arongoye igisata kijejwe gufungurira abanyeshure « cantines scolaires » aho yabifatanya no kuba umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’Indero.
Liboire Bigirimana yagiye aradugagira ingazi mu Bushikiranganji bw’Indero aho yabaye umwigisha w’ivyigwa vya Histoire na Géographie, aba umuyobozi wa Lycée Muyebe, mu nyuma yabaye umuyobozi w’indero mu ntara ya Mwaro.
Yahavuye amanuka gukorera muri ubwo bushikiranganji I Bujumbura, aho yabaye umuyobozi w’umugwi utunganya ibibazo vya Reta, mu nyuma yarizewe ngo abe umuyobozi mwishikira mu bushikiranganji bw’Indero, yarabaye kandi umunyamabanga ntayegayezwa, ubu n’aho akaba yizewe ngo atware umugwa mukuru wa poritike w’igihugu.
- Parfait Mboninyibuka niwe yizewe ngo aze arongore intara ya Burunga

Uyu yahora ari umushingamateka kuva mu 2020 yatowe mu ntara ya Rutana ya kera, aho asanzwe avuka.
Imbere y’aho akaba yarajejwe ubutunzi (DAF) kuri Kaminuza yitiriwe umuco, Université Lumière de Bujumbura. Kuri iyo kaminuza yaragize uruhara runini kugira ngo hugururwe ikigo cayo mu ntara ya Rutana (Campus Rutana).
Mboninyibuka azotwara Burunga igizwe n’ibice vyahora mu ntara za Makamba, Rutana, Bururi na Rumonge.
- Aloys Ndayikengurukiye, umu jenerare w’igisirikare c’Uburundi, Buramatari wa Bujumbura

Uyu, yahora atwara ishirahamwe Sosumo rijejwe guhingura isukari niwe yizewe n’umukuru w’igihugu yongera yemezwa n’abakenguzamateka 38 kuri 38 bari bashashe i Gitega kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 3 Mukakaro.
Imbere yo gutwara Sosumo, General Major Aloys Ndayikengurukiye yari umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo kwivuna abansi.
Aloys Ndayikengurukiye azotwara Bujumbura yagutse igizwe n’igisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi, hamwe n’intara za kera za Cibitoke, Bubanza na Bujumbura izwi nka « rural »
- Umupfasoni Denise Ndaruhekeye niwe Buramatari mushasha wa Buhumuza

Uyu mukenyezi avuka muri komine ya Butihinda yahora ikukira intara ya Muyinga, asanzwe ari umuyobozi mwishikira mu biro vya Buramatari w’intara ya Muyinga.
Uyu mukenyezi akomoka mu mugambwe CNDD-FDD, nk’abandi batowe yahawe amajwi 38/38 y’abakenguzamateka bari bashashe kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 3 Mukakaro 2025.
Akazotwara intara ya Buhumuza igizwe n’ibice vy’intara za kera za Cankuzo, Muyinga, Ruyigi.
- Umupolisi General de Brigade, Victor Segasago Buramatari mushasha wa Butanyerera

General Segasago yahora ari Buramatari w’intara ya kera ya Kirundo kuva muri Munyonyo 2023.
Uyu mupolisi yadugijwe kw’ipete rya General de Brigade mu 2024 akaba yarize ibijanye n’intwaro kw’ishure (Ecole Nationale d’administration – ENA)
General Segasago azotwara intara ya Butanyerera igizwe na Ngozi ya kera, Kayanza na Kirundo.
Inkuru tukiryohora…



