Dynamo vyayisavye agace kamwe gusa kugira yandikishe intsinzi imbere y’Urunani.

irisnews257juillet 5, 20258min710
514410887_1336964551528093_3686786393897059201_n
Mu rukino rwahuje iyo migwi mikeba kuri uyu wa 0/7/2025, uduce dutatu twa mbere twose twarangiye umugwi w’Urunani uri imbere:
▪️ Agace ka mbere: 26-15
▪️ Agace ka kabiri: 46-39
▪️ Agace ka gatatu 62-59
Ugiwe imbere n’umukinyi Cuma Toto Noe hamwe n’ugufashanya kwiza hagati y’abakinyi bose no kuzibira neza, umugwi wa Dynamo wahindukije ibintu, birangira wirengeje Urunani ku manota 85 kuri 76 ya Sisi Wenyewe.
🎤 Ngaho duhe ijambo abafana na bo:
🎙️ Inyuma y’intsinzi, umwe mu bafana ba Dynamo, Eric batazira Kayaga, yiganiye Iris News ko intsinzi bari bayiteguriye kandi ko bazokwama inyuma y’umugwi wabo gushika ku kanyuma .
💬 Ku rundi ruhande, Umukuru w’abafana b’Urunani, Muhoza Lewis, yatwiganiye ko n’aho batsinzwe iwabo mu bafana bimeze neza: « Twebwe ku ruhande rwacu nk’abafana twakoze ivyo dutegerezwa kandi n’abakinyi bitanze uko bashoboye, ibijanye n’umusaruro staff y’umugwi vyose irabibona. Aho gukosora nk’abahinga bahabonye ».
✍️ Tubibutse ko iyo migwi yompi itanguranwa ku ntsinzi zine kugira haboneke uwutahukana igikombe userukire n’Uburundi. Bitegekanijwe ko izotana mu mitwe incuro indwi. Aho bukera kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 6 Mukakaro 2025 isaha icenda iyo migwi izosubira guhuza ubwayi mu rukino rugira kabiri.
👀 Igikombe kizotahukana nde ?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire