Lumitel yahinduye ibiciro vy’imitekero ya internet

irisnews257juillet 5, 20253min600
514542353_1336580218233193_1233508085534936370_n
Ivyo biciro bishasha vyatanguye kugaragara kuva kuri uyu wa 05/7/2025. Impinduka zakozwe mu mice ibiri muri rusangi: ibiciro vy’imitekero vyongerejwe ariko kandi n’imitekero yongerejwe uko ingana
📱 Akarorero dufatiye ku mitekero ikunzwe kurusha iyindi:
Umutekero wa internet umara ukwezi w’ama GB wahora ugurwa ibihumbi 13 000 ubu ugeze ku bihumbi 18 000. Yamara uwo mutekero waciye uva kuri 2,5 GB uja kuri 5 GB ariko, ikiringo umara cagumye ari kwezi kumwe.
Umutekero wo ku munsi wahora ugurwa 1.100 Fbu ubu ugurwa 15.00 Fbu kandi ukaba wongerekwe uva kuri 1 GB uja kuri 2 GB.
📌 Abakoresha terefone bamwe bati: izi mpinduka si iziza zitworohereza. Basigura ko ishirahamwe Lumitel risanzwe ryaradugije amafaranga agurwa ikarata sim yawo aja ku 10.000FBu, ariko kandi ngo baheruka gutozwa amafaranga 2.400 Fbu nk’ikori ijanye no gutunga terefone.
Baranibaza impinduka z’ivyo vyose mu gihe umuvuduko wa internet umaze imyaka uri hasi cane.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire