Ivyo biciro bishasha vyatanguye kugaragara kuva kuri uyu wa 05/7/2025. Impinduka zakozwe mu mice ibiri muri rusangi: ibiciro vy’imitekero vyongerejwe ariko kandi n’imitekero yongerejwe uko ingana

Akarorero dufatiye ku mitekero ikunzwe kurusha iyindi:
Umutekero wa internet umara ukwezi w’ama GB wahora ugurwa ibihumbi 13 000 ubu ugeze ku bihumbi 18 000. Yamara uwo mutekero waciye uva kuri 2,5 GB uja kuri 5 GB ariko, ikiringo umara cagumye ari kwezi kumwe.
Umutekero wo ku munsi wahora ugurwa 1.100 Fbu ubu ugurwa 15.00 Fbu kandi ukaba wongerekwe uva kuri 1 GB uja kuri 2 GB.

Abakoresha terefone bamwe bati: izi mpinduka si iziza zitworohereza. Basigura ko ishirahamwe Lumitel risanzwe ryaradugije amafaranga agurwa ikarata sim yawo aja ku 10.000FBu, ariko kandi ngo baheruka gutozwa amafaranga 2.400 Fbu nk’ikori ijanye no gutunga terefone.
Baranibaza impinduka z’ivyo vyose mu gihe umuvuduko wa internet umaze imyaka uri hasi cane.
Post Views: 62