Ni igiki catumye Nyange na Caleb bagura umugwi Vision FC?

irisnews257juillet 7, 20252min910
Vision FC

Kuri uyu wa 7 Mukakaro 2025 mu gisagara ca Bujumbura, habaye ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku bijanye n’ishingwa, hamwe n’imigambi y’Umugwi wa Vision FC.

Uwo mugwi uherutse kugurwa n’abakinyi mpuzamakungu b’abarundi, Ndayishimiye Youssouf batazira Nyange na Bimenyimana Bonfils Caleb.

Ashikiriza ibijanye n’igurwa ry’uwo mugwi, Olivier Niyungeko batazira Mutombora, azoba ari umuyobozi w’ubuhinga muri uwo mugwi, yamenyesheje ko abo bakinyi biyumviriye kugira umugwi mu ntumbero yo gufasha abarundi bafise impano zo gukina umupira w’amaguru.

Bivuye ku kuntu bafashijwe, nabo baciye biyumvira kurondera umugwi kugira bafashe abakinyi b’abarundi bazoba bariko bigenza neza muri uwo mugwi, babaronderere amasoko hanze gutyo Uburundi buhatorere akoyoko na cane cane umugwi nserukiragihugu.

Abo bakinyi ngo barashimira cane Nyeniteka Réverien Ndikuriyo, umurongozi w’umugwi wa Aigles Noirs CS (umugwi wabaramuye), ukuntu yabafashije kugira bashike ku gwego mpuzamakungu.

Mu burongozi bw’uwo mugwi hazoba harimwo abantu benshi bahoze bakina umupira w’amaguru, bamwe muri bo akaba ari Steve Nzigamasabo azoba ari ijisho rya Nyange na Caleb mu Burundi, Olivier Niyungeko batazira Mutombora azoba ari umuyobozi w’ubuhinga, Umumenyereza mukuru akazoba ari Sahabo Paris yahoze amenyereza Vital’o FC n’abandi. Abo bose bakaba bahoze ari abakinyi.

Mwomenya ko uwo mugwi Vision FC ukina icicaro ca mbere ukaba wahora kw’izina rya Royal Vision 2026 . Mu ntango n’aho ukaba wahoze kw’izina rya Royal de Muramvya.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire