
Martin Niteretse, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati yahumurije abahora mu mabanga ya Buramatari na Musitanteri ko batokwihebura kuko ibibanza bikiri umuyoro
Hari mu nama idasanzwe yahuje Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu na ba Buramatari b’intara zitanu zishasha, abahoze ari ba Buramatari na ba Musitanteri mu ndinganizo ya kera y’igihugu hamwe n’abanyamabanga nshingwabikorwa ba komine 42 baherutse kugenwa n’Umukuru w’igihugu.
Iyi nama yari ifise intumbero yo kurabira hamwe ingene hagiye gutunganywa ivyerekeye intwaro, hisunzwe indinganizo nshasha mu ntara no mu ma komine bitegekanwa n’ibwirizwa ryo kuwa 16 Ntwarante 2023.
Hambavu yo gukeza abamaze kwizerwa n’Umukuru w’igihugu, Umushikiranganji Niteretse yakeje n’abo bahora mu mabanga k’ubwira n’ubukerebutsi bagaragaje mu guhagararira amahoro n’umutekano cane cane mu kiringo c’amatora
Ku batarizerwa ngo binjire mu mabanga mashasha, Umushikiranganji Niteretse yabasavye kudasimbwa umutima.
Ati : « Ntihagire uwo umutima usimba, igihugu ni icacu twese. Igihugu c’Uburundi ni ic’abarundi bose. […]Nimba ari ibiti, ni na vyinshi ntavyo muzomara. Twamye turaba ukuntu amategeko n’amabwirizwa ibibanza ategekanya, emwe tuzohava dusanga ama ‘profils’ dushaka atanayo turonse. Vyumvikana ko atan’umwe yogira ubwoba, igihugu kiragutse vyukuri. »
Yamara, Martin Niteretse yababwiye ko atari mpaka aho ikiringo gihereye ngo ikindi abe ariho gitangurira, gusa yabijeje ko uwuzogira ingorane ari uwakoze nabi gusa. Ati : « Aho tugeza amaso, nta nabi irimwo, mwigenjeje neza cane »
Muri iyo nama yahavuye ibandaniriza mu mwiherero, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati yamenyesheje ingingo baca babandanya guca irya n’ino zirimwo : Itunganywa ry’amatungo ya komine yahahora, gukurikirana imigambi ya komine yahahora, na cane cane inyubako z’ama zone zitararangira, itangwa ry’impapuro n’inzandiko ndangamuntu, ugutunganya n’ikoreshwa ry’amafaranga y’ama komine.



