Urucanco rwa Malariya ruramaze kuzana akarusho mu Burundi

irisnews257juillet 7, 20253min890
Urucanco

« N’aho ata biharuro fatiro biraboneka, urucanco rwa Malariya ruramaze kuzana akarusho ku bana baruhawe » bishikirizwa Jean Claude Bizimana arongoye umugambi w’igihugu ujejwe incanco PEV

Kuva muri Ntwarante 2025, mu Burundi haratanguye gutangwa urucanco rwa Malariya ku bana bafise hagati y’amezi 6 na 11. Aho gushika mu mpera z’ukwezi kwa Rusama, abana 103 000 ari bo bari bamaze guhabwa urwo rucanco.

Nk’uko vyemezwa na Muganga Jean Claude Bizimana arongoye PEV amenyesha ko urwo rucanco rwagiye ku rutonde rw’incanco zisanzwe zihabwa abana, rubandanya gutangwa mu ntara zose rwatanguriyemwo aho ruboneka ku mavuriro yose asanzwe acandaga. Umwana akaruhabwa incuro zine: afise amezi 6, amezi indwi, amezi icenda n’urundi rwanyuma rwo ku mwaka n’igice.

Yamara ngo urwo rucanco ntirurashika mu ntara zose 

« Urwo rucanco ntirurakwiza mu gihuhu cose, aho bugurura itangwa ry’urwo rucanco mu ntara ya Bubanza baratomoye ko rutanguriye mu ntara icenda Bubanza, Cibitoke, Ngozi, Kirundo, Muyinga, Cankuzo, Ruyigi, Rutana na Karusi ». Ariko avuga ko Reta y’Uburundi ifatanije na Gavi bumvikanye ko urwo rucanco ruzotangura gutangwa mu gihugu cose mu mwaka wa 2026

Jean Claude Bizimana agira ati : « Mu gutanguza urwo rucanco, abasanzwe bafasha mu gutanga incanco Gavi baravuganye ko urwo rucanco rwokwira igihugu cose aho bemeye ko rugiye gukwira igihugu cose aho bitegekanijwe mu kwezi kw’indwi mu mwaka wa 2026. »

Uwo arongoye umugambi w’igihugu asaba kubandanya ubundi buryo bwo kwikingira Malariya kuko ngo urwo rucanco rwa Malariya ruratandukanye n’imiti isanzwe ivura Malariya.

« Si urwo guha uwagwaye ahubwo dusaba ko abantu bobandanya kwijukira ubundi buhinga busanzwe buhari bwo kugwanya malariya kwivuza kare umuntu atarasinzikara, kuryama mu musegetera, kurwanya ibidengeri vy’amazi biri hirya no hino aho tubaye, guha ikaze abaje gupompa mu mazu mu ntara iyo migambi isanzwe irimwo »

Ngo urwo rucanco ruramaze kugira akarusho naho ata biharuro vy’urufatiro bafise kubera ko abana bataraheza izo ncanco, avuga ko urwo rucanco rutuma igitigiri c’abana bandura canke bahitanwa na malariya bagabanuka

Kuberiki urwo rucanco ruhabwa abana gusa ?

Uwo arongoye PEV agira ati : « Ico ibihugu vyose bihanzwe na Malariya bihutiye ni ico gukingira abana aribo isinzikaza gusumba abakuze ariko ubushakashatsi bubandanya igihe bashitse aho haboneka uruhabwa abakuze bizomenyeshwa »

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire