Umugwi Aigles Noirs CS wo mu ntara ya Makamba urafata indege kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 8 Mukakaro 2025, uja muri Afurika y’Epfo aho ugiye kwitegurira umwaka w’inkino 2025-2026.
Ibi bibaye inyuma y’ugutahukana igikombe ca Nkurunziza Cup batsinze The Cong Viettel FC yo muri Vietnam
Umwaka w’inkino uzotangura ku wa 22 Myandagaro, ariko imbere y’aho, Aigles Noirs CS izobanza gukina na Flambeau du Centre ku wa 16 Myandagaro mu rukino rw’igikombe ca Super Coupe.
Uwo mugwi kandi uzoserukira Uburundi mu nkino nyafurika za CAF Champions League, aho utegerezwa kwerekana ijunja n’ijambo inyuma y’imyaka itari mike imigwi yo mu Burundi itigenza neza muri iryo higanwa.
Mu ntumbero yo kwitegura neza izo nkino, Aigles Noirs CS igiye mu gihugu ca Afrika y’epfo gukorerayo imyimenyerezo ndetse ikazokina n’inkino za kivandimwe n’imwe mu migwi ikina icicaro ca mbere muri ico gihugu.
Kugeza ubu, Aigle Noir, niwo mugwi wonyene mu Burundi ufata umwanya ukaja mu mahanga gutegurirayo inkino.
Tubibutse ko no mu 2024, imbere y’ukwinjira mu mwaka w’inkino, Aigles Noirs CS wari wagiye kwimenyerereza muri Tanzania.
Post Views: 56