Uburundi muri raporo y’umutekano kw’isi ya 2025: bwarasubiye inyuma, bwisanga mu bihugu bitagira amahoro menshi

irisnews257juillet 8, 20252min670
Uburundi muri raporo

Uburundi bwaje mu kibanza c’133 mu bihugu 163 vyasuzumwe mu cegeranyo Global Peace Index 2025 (GPI), raporo ngarukamwaka y’Ikigo mpuzamakungu Institute for Economics and Peace (IEP).

Ico kibanza gishira Uburundi mu bihugu bifise ingorane nyinshi mu bijanye n’umutekano n’amahoro.

Iyo raporo, ubu igeze ku ncuro ya 19 ikorwa, ishingira ku bipimo (indicateurs) 23 vyerekana uko igihugu gitekanye, ibice bikuru bikaba ari:

  • umutekano n’ituze rusangi
  • Ubwoba bw’intambara buri mu gihugu
  • igipimo c’ukwinjiza igisirikare mu buzima bw’igihugu (militarization)

Uburundi rero bwatakaje ibibanza bitatu ugereranije n’umwaka uheze kuko bwari mu kibanza c’130 mu rutonde rwo mu mwaka uheze

Ibindi bihugu vyo mu karere vyifashe gute?

Mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, Tanzania niyo yaje imbere, mu kibanza ca 73 kw’isi, ca 12 muri Afrika yo munsi y’ubugaragwa bwa Sahara. Urwanda rwakurikiye, mu kibanza ca 91 kw’isi. Uganda iza mu kibanza c’113, Kenya mu kibanza c’127. Ibihugu bifise umutekano muke cane ni Sudani y’Epfo (156) hamwe na Repubrika Iharanira Demokarasi ya Kongo (160).

Maurice, mu kibanza ca 26 kw’isi, ni co gihugu gitekanye kurusha ibindi ku mugabane wose wa Afrika.

Ku rwego rw’isi, Islande iri ku mwanya wa mbere, nk’uko vyama kuva 2008. Hakurikira Irland, Nouvelle-Zélande, Autriche na Suisse. Ibihugu vyagaragaye inyuma mu rutonde ni Uburusiya (163), Sudani, Republika Iharanira Demokarasi ya Congo, Yemen hamwe na Afghanistan.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire