Vatikano yamenyesheje ko igiye kurungika intumwa zo ku rwego rwo hejuru mu Burundi

Guillaume Muhozaaoût 1, 20252min740
WhatsApp Image 2025-08-01 at 9.37.20 AM (1)

Mu gihe Papa Leo wa XIV abandanya gushira ku murongo intambwe z’intwaro yiwe nk’Umwungere mukuru w’Ekleziya Katorika kw’isi yose, imigenderanire ya Vatikano n’Uburundi nayo nyene iriko irahabwa inguvu nshasha.

Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 31 Mukakaro 2025, Musenyeri Dieudonné Datonou, aserukira Papa mu Burundi, yamenyesheje ko hariko harategurwa urugendo rw’intumwa zo ku rwego rwo hejuru ziva i Roma. Ivyo yabishikirije mu gihe yakirwa n’Umwunganizi w’Umushikiranganji w’Imigenderanire y’Uburundi n’Amahanga, Syldie Manirerekana, mu mubonano wabereye ku cicaro c’Ubushikiranganji i Bujumbura.

Uburundi, igihugu ciganziwe n’abakristu ba Ekleziya Katorika benshi, gifitaniye imigenderanire na Vatikano kuva mu1962. Muri iyo migenderanira haribukwa cane urugendo rw’amateka rwa Papa Yohani Pawulo wa II mu Burundi mu 1990.

Twokwibuka ko Papa Fransisiko, imbere y’uko yitaba Imana, yari yakiriye Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye mu 2022, aho yari yamwijeje kugendera Uburundi. Ariko ico ciyumviro nticashoboye gushirwa mu ngiro kubera ubusaza n’amagara ya Papa yagumye agoyagoya.

Kugeza ubu, nta makuru aratangwa ku rutonde rw’intumwa zitezwe canke kw’itariki nyakuri y’iryo sango. Ariko bikavugwa ko urwo rugendo ruzoba intambwe ikomeye mu gusubira gushimangira imigenderanire ya Vatikano n’Uburundi bisanganywe amateka y’ukwemera n’ugufashanya.

Twobibutsa kandi ko Musenyeri Paul Richard Gallagher, Umunyamabanga wa Leta ya Vatikano ajejwe imigenderanire n’amakungu, yahora ari intumwa ya Papa mu Burundi hagati ya 2004 na 2009.

 

Guillaume Muhoza


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire