
Ubuserukizi bw’Ubudagi i Bujumbura bwarahuje abatohoji, abamenyeshamakuru, abigisha n’abanditsi kuri uyu wa 4 Nyakanga mu nama yo kwerekana ibimaze gukorwa n’Ubudagi mu Burundi mu ntumbero yo gufasha mu kumenyekanisha ivyaranze ubukoroni bw’Ubudagi ku Burundi.
Mu vyakozwe, hari nko guha akaryo ko kwiga ako kahise ku batohoji b’abarundi baja kwiga mu makaminuza yo mu Budagi. Jean Berchmans Ndihokubwayo, ariko ararangiza ivyigwa vya dogutora i Giessen mu Budagi muri uwo mugambi, yaribukije ko n’aho intwaro gikoroni y’abadagi yamaze imyaka mike, yashinze imizi mu Burundi gushika no mu rurimi. Yatanze akarorero k’amajambo akivugwa mu kirundi ava mu kidagi: « Gute? » rivuye mu kidagi Guten Tag canke « amahera » rikomoka kuri Heller n’ayandi.
Ibindi bikorwa vyakozwe
Muri bindi vyakozwe, harimwo nk’ugushiraho urubuga « Kontaktstelle Sammlungsgut », rwerekana amakuru ku vyerekeye ibikoresho vy’akaranga vy’abarundi biri mu Budagi. Vyatwawe mu gihe c’ubukoroni.
Hari kandi n’ingendo zitegurwa buri mwaka, aho abamenyeshamakuru, abatohoji n’abanditsi baronswa akaryo ko kuja mu Budagi kwihweza ibiranga amateka ahuza ivyo bihugu bibiri biri mu Budagi.
Kuber’iki amateka y’ubukoloni bw’Ubudagi mu Burundi atazwi cane ugereranije n’ay’a Tanzaniya canke Urwanda?
Arthur Lion, akora mu Buserukizi bw’Ububirigi, niwe yabajije ico kibazo. Jean Berchmans Ndihokubwayo yishuye ko intwaro y’Ubudagi yamaze imyaka 20 gusa, kandi indwi muri yo bariko baragwana n’ingabo z’umwami zibiyamiriza. Hari ikindi kibazo kijanye n’ururimi rw’ikidagi rwagiye ruragora abatohoji baba bipfuza gukora ubushakashatsi.
Ibiganiro vyabandanirije ku kintu nyamukuru: ukuntu kumenya ako kahise bitofatira ku gashavu gusa. Umwigisha mu makaminuza Prof Elias Sentamba yagize ati: « Abarundi canke abadagi bari ng’aha, turi abakomoka ku bari imbere muri ayo mateka y’ubukoroni si twebwe twabikoze. Ni ico gituma, iki ari igihe co gutera intambwe tukiga neza kano kahise, hakabonka umuco ukwiye kugira bifashe mu kwubaka ejo heza ku mpande zose. »
Ariko ivy’ubutohoji kuri ako kahise ngo ntibikwiye kuba igikorwa c’abanyabitabu gusa, Dr Christella-Mariza Kwizera, umwigisha mu vy’imibano muri Kaminuza y’Uburundi, niwe yabishimangiye: « Igikino c’ivyese kirashobora kwigisha no gusigira vyinshi urwaruka kurusha igitabu c’umu doguteri. Ni co gituma abaririmvyi, abanditsi, n’abandi bose bakora mu gisata c’utugenegene bategerezwa kwifashishwa muri kino gikorwa. »
Ibikomere ntibirasibangana
Naho biri uko, ibikomere vy’ico gihe ntibirahanagurwa. Floribert Habonimana, umwigisha-mutohoji muri kaminuza (ENS), yagarutse ku Masezerano ya Kiganda, aho Umwami Mwezi Gisabo yategetswe guha Ubudage inka 424. Amasezerano ya Kiganda yasigura icese ko Uburundi butakaje intahe y’ukwigenga. Ati : « Ivyo kugeza n’uno musi, birababaza abarundi batari bake. None Ubudagi hari indinshi y’akababaro butegura guha Uburundi” Ku bijanye n’ico kibazo, Tanja Knittler, ajejw gutunganya ibikorwa mu Buserukizi bw’Ubudagi, yishuye ati: « Nta nyishu ya vuba ihari, ariko ibiganiro biruguruye hagati y’ababifisemwo ijambo, impera n’imperuka, ico kibazo bazogiha intumbero. »
Boma igiye gusubirwamwo
Ikindi cagarutsweko ni Boma, inyubakwa y’I Gitega yubatswe ku Budagi, ikaba ari nkaco kimenyetso gikuru giserukira igihe c’ubukoloni bw’abadagi mu Burundi. Ubuserukizi bwaramenyesheje umugambi wo kuyisanura no kuyihindura ingoro ndangakahise (musée historique) y’Uburundi bwo gushika mu 1916. Izokwakira n’ibikorwa mvabwenge vy’Abarundi biri mu Budagi.
Kuri uwo mugambi, Ubuserukizi buvuga ko hazokorwa komite ihurikiyemwo abaserukira uruhande rw’Ubudagi n’abaserukira Uburundi kugira barabire hamwe ingene uwo mugambi woshirwa mu ngiro. Mu kurindira, ibiganiro bikaba bibandanya hagati y’ubuserukizi n’abajejwe intwaro babifisemwo ijambo nka Buramatari wa Gitega n’Ubushikiranganji bw’imigenderanire.




