Waruzi ko ubwirakabiri hari ababuhuza n’ibihe vy’amakuba ?

irisnews257septembre 8, 20253min720
Eclipse lunaire

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 7 Nyakanga 2025, harabonetse ukwezi kw’umutuku  kubera ubwirakabiri bw’ukwezi bwuzuye. Ibi biba igihe izuba, isi n’ukwezi bibaye ku murongo umwe, maze isi igasiga igitutu cayo ku kwezi. Twarabibasangije mw’ijoro riheze.

 Mbega ubwirakabiri bw’ukwezi n’ubwirakabiri bw’izuba bitandukaniye hehe ?

Nk’uko tubikesha ikinyamakuru Le Monde, ubwirakabiri bw’izuba bubaho igihe ukwezi gusanzwe kwitambitse hagati y’isi n’izuba, maze kugakingira.

Hano havugwa ubwoko butatu :

  • « Pénombrale »: Izuba riba rikingiriwe rwose, ni igikorwa bivugwa ko gikomeye ku maso adakingiwe
  • « Partielle » : Hano igice kimwe gusa c’izuba nico kiba gikingiriwe.
  • « Annulaire » : Bivugwa ko ukwezi kuba kuri kure cane, kukaba kutabasha gupfuka izuba ryose, hagasigara hiyerekana uruzinga runini rw’umuco.

Ubwirakabiri bw’ukwezi bubaho igihe ukwezi kuza mu gitutu c’isi. Naco nyene kigira ubwoko butatu :

  • « Pénombrale » : Aha kwezi kwinjira mu gitutu c’isi, bigatuma gupfundikirwa n’umwijima buhorobuhoro.
  • « Partielle » : Igice kimwe c’ukwezi ni co kiba mu gitutu c’isi.
  • « Totale » : Ukwezi kwose kwinjira mu gitutu c’isi, kugasa n’umutuku nico citwa « Ukwezi kw’Umutuku ».

Hafatiwe ku mico, bamwe bose barafise uko bahuza ubwirakabiri n’ivyabaye canke ibigiye kuba

Muri Afrika, bahuza ubwirakabiri n’insiguro y’amakuba: inzara, intambara canke impinduka zikomeye. Mu Burayi hoho abantu babifata nk’igihe c’imigirwa y’ubupfumu, nayo mu bami b’Abaperesi bakabihuza n’ihinduka ry’intwaro.

Hari ivyo bisunga  mu kuvuga ivyo bivanye n’ibimaze kubaho

  • 1967: Imbere y’intambara y’iminsi itandatu “Six Day War” hagati ya Israel n’Ibihugu vy’Abarabu
  • 1969: Mu kwezi kumwe n’uko uwuzwi nka Apollo 11 yashikanye abantu ubwa mbere ku kwezi
  • 1992: Mu gihe isi yari ihanganye na SIDA, mu Burayi na Amerika vyarabaye aho babihuje n’ibihe vy’amakuba.
  • 2014 – 2015: Urukurikirane rw’ubwirakabiri bw’ukwezi bune
  • « Blood Moon Prophecy » vyatumye abantu benshi bibaza ko iherezo ry’isi riri hafi.

No mu bihe vya vuba, ubwirakabiri bwarabaye

  • 2020: Mu gihe isi yari mu kiza ca Covid-19
  • 2022: Intambara y’Uburusiya na Ukraine yatanguye hafi mu gihe c’ubwirakabiri.

Nubwo ibi vyose vyavuzwe, abahinga mu vy’inyenyeri bo basigura ko ari ikimenyetso c’ibihe gisanzwe, kitagira aho gihurira n’intambara, indwara canke ibitero.

Elvis Nshimirimana 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire