Ku ncuro ya mbere : abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi bariko bararonswa ingurane

Evalde Izikwumvaseptembre 21, 20253min630
Rumuri

Itangwa ry’iyo ngurane ku banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi ririko rikorwa n’ibanki Banque de Crédit de Bujumbura, BCB. Ivyo tukaba  twavyiboneye mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi kiri ku Mutanga kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Nyakanga 2025.

Nkuko twabisiguriwe n’abakozi b’ibanki BCB bariko barakira ababitura ngaho mu kigo co ku Mutanga, iyo ngurane iriko itangwa mu ntumbere y’isekeza iyo banki yitiriye « Tous à l’école ». Ni isekeza ryo gutanga ingurane (découvert) yo kwitegurira intango y’amashure isanzwe ihabwa abavyeyi barungika abana ku mashure.

Mu gihe iryo sekeza rikorwa buri mwaka kuva muri Ruheshi gushika muri Gitugutu ryahora rihariwe abavyeyi b’abana gusa, uyu mwaka ngo BCB yahisemwo no gushiramwo abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi.

Abanyeshure basanzwe bahabwa ‘prêt-bourse’ ni bo bemerewe kuguranwa. Umunyeshure agenda yitwaje ikopi ya karangamuntu yiwe n’iyikarata yemeza ko ari umunyeshure. Dossier yiwe iimaze kwakirwa n’abakozi ba BCB, ica ijanwa mu gisata kiraba ivy’imfashanyo-ngurane muri kaminuza kugira bashireko umukono wabo. Inyuma y’amasaha 24, ngo amafaranga aba ashitse kuri konte.

Umunyeshure afise uburenganzira bwo gusaba ibice 60% ku mafaranga ahabwa ku gice (amezi atatu), ni ukuvuga 180.000 Fbu canke 300.000 FBu ku bari mu gice ca kabiri c’amashure ya kaminuza ‘master’. Araheza akayariha akaswe kuri prêt-bourse aronka inyuma yaho, hagiyeko inyungu y’igice kimwe kw’ijana ku kwezi.

 Abapoils biruhutse ?

Kuva muri 2021, ibanki BCB ni yo icishwamwo imfashanyo ngurane ‘prêt-bourse’ isigaye ihabwa abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi. Kimwe mu vyo abanyeshure b’iyo kaminuza bari bizigiye inyuma yo kuja muri iyo banki bavuye muri Poste (Régie Nationale des Postes) harimwo ukuronswa imfashanyo ngurane yabo badacerewe kandi bakayironka vyoroshe batarinze kuyitondera.

Mu gihe ivyo guteba kw’ako gafashanyo vyabandanije, iyo ngurane ya BCB iboneka kuri bamwe nk’iyoba ije kuba umuti. Bamwe mu banyeshure twahasanze bibaza nimba uwo mugambi wa BCB utohoraho imisi yose.

Abakozi ba BCB bati umugambi uracari uko watangujwe kiretse mu gihe abanyeshure bosaba ko ubandanya hama banki n’abandi babijejwe bakemeza ko bibereye.

Evalde Izikwumva

 

Evalde Izikwumva


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire