“Umuyagankuba ucitse, ubuzima bwanje buba bugiye mu kaga”

Guillaume Muhozaoctobre 15, 20253min580
Insuline

Mu gihe ikibazo c’ugucikagurika kw’umuyagankuba kimeze nk’akarande mu bisagara bitari bike, hari bamwe mu Barundi bakorwako cane. Abagwayi bagendana indwara zibasaba gufata imiti y’ibinyabuzima ikenera kubikwa ahantu hakanye.

BS*, aba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, agendana indwara ya diabète imusaba kwitera urushinge rw’insuline kabiri ku musi yabwiye Iris News ko ibihe vy’ukubura umuyagankuba bimushira mu kaga k’ubuzima.

Aho yatuganirira, ku musi wa kane w’iyinga riheze, yagize ati : “Uyu munsi ugira gatatu ata gihe na kimwe umuyagankuba uje ngo umare iminota irenga 30,” niko avuga. “Ibi binshira mu kibazo kuko mfise umuti bita insuline, ndawitera isaha imwe yo mu gatondo, nkasubira kuwitera mw’ijoro ku masaha amwe.”

“Ntibazi ko hari abawukeneye kugira babeho”

Nk’uko BS abandanya abisigura, ikibazo gikomeye si ico kwitera umuti gusa, ahubwo ni ukuntu uwo muti ubikwa.

“Ntegerezwa kuwubika muri frigo. Bitabaye ivyo, urapfa kandi urazimvye kuwugura. Si ibintu umuntu yoronka uko yishakiye,” arongera.

Iyo umuyagankuba ucitse, BS yihutira gusaba abagenzi n’ababanyi b’intahemuka baba mu yandi ma quartiers ahaba hakiri umuyagankuba, kugira bamufashirize kubika wa muti mu frigo.

“Ariko n’aho nyene ntatekana. Buri kanya baramuhamagara ngo umuyagankuba wacitse aho yari yabikije, akiruka awutora akawujana ahandi. Ibi vyose bituma no ku kazi ntatekana,” niko avuga.

BS asaba ko Regideso yotahura ko gutanga umuyagankuba atari ukwatsa amatara gusa ahubwo bishobora no kugira ikibazo ku buzima bw’abantu :

“Hari abantu ubuzima bwacu buba bugiye mu kaga iyo baciye umuyagankuba. Ejo bundi wacitse iminsi irenga cumi! Vyabaye ngombwa ko umuti ndawujana kw’ivuriro bakawumbikira, ikindi gihe nkagura amabarafu nkayatahana kugira ndawubikemo.”

Abaganga nabo baratanga impanuro

Ku ruhande rw’abaganga, Dr Franck Arnaud Ndorukwigira, akorera ku bitaro vy’i Gitega, avuga ko ikibazo nk’ico gikomeye cane ku bagwayi benshi bafise indwara y’igisukari.

“Abenshi turabigisha ukuntu bokoresha uburyo busanzwe bwo kubika insuline hadakoreshejwe frigo, na rirya mu bagwara igisukari harimwo n’abafise amikoro make batoronka ivyuma vya kijambere vyo kubikamwo umuti”.

Uburyo bubiri bukoreshwa cane, nk’uko abisigura, ni ubu bukurikira : “Bashobora gufata agakono bakashiramwo umuti wa insuline uri mu gashashi. Canke bagatereka mu ntumbutumbu y’igitoke canke mu ndobo y’amazi akanye. Abandi ngo bafata igikombe bakagiterera mu ndobo y’amazi akanye insuline ikaguma ireremba imbere ntiheza ngo yononekare.

Dr Ndorukwigira arangiza avuga ko ukwigisha abagwayi uburyo bwo kubungabunga imiti bikwiye gukomezwa mu bitaro na rirya ubupfu bw’umuti bushobora kubangamira abagwayi.

 

 

Guillaume Muhoza


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire