
Ivyuma vy’umuziki mu Rwanda vyoba bipfa hageze ko Umurundi ashika ku butambiro ? Nico kibazo kiriko kiribazwa n’abakunzi b’umuziki w’Uburundi ?
Umuririmvyi Kirikou Akili ari mu rugendo rw’ibikorwa vyiwe vy’umuziki mu gihugu c’u Rwanda.
Ku musi w’Imana kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2025, yari aramutse ateramisha mu giteramo “Let’s Celebrate” kumwe n’abandi baririmvyi bo muri ico gihugu. Magingo ashikiriye kuririmba indirimbo yiwe iriko iramugeza ku yindi shusho “Aha ni he ?”, ivyuma vyaciye bigira ikibazo — amajwi ntiyasohoka.
Ubu ni ubugira kabiri ikibazo nk’iki kiba k’umuririmvyi w’Umunyarundi yagiye guteramisha muri ico gihugu.
Inyuma y’igihe kitari kinini — kidashika imyaka itatu — Double Jay na Kirikou Akili nyene bagiranye ibibazo n’umuvangavanzi azwi cane mu Rwanda DJ Phil Peter, aho yashizemwo indirimbo itari iyo Double Jay yashaka kuririmba, mbere itari n’iyiwe. Ivyo vyaciye bituma bava ku butambiro bataryoheye abafana nk’uko bavyipfuza.
Ku musi wejo hahise, uyu muririmvyi bamaze kumucirako ivyuma, afashijwe n’abafana yabandanije aririmba ikibiriraho live, atitayeho ko banse kumushiriramwo indirimbo.
Abicishije ku mbuga ziwe za Facebook na Instagram, Kirikou yamenyesheje ko iki arico gihe ciza, ngo “Uburundi bumenyekane.”
Yongera agashimira abakunzi ati :
“Nagomba mfate kano kanya nshimire abantu mwese mwaje kunshigikira. Zari indoto zanje gukora concert mu Rwanda kuko nizeye ko ndafise abakunzi benshi b’umuziki wanje. Nari niteguye kwishimana namwe, nanje nkabagaragariza urukundo muhora munyereka ntanahari, ariko ivyuma ntivyadukundiye vyagize ikibazo.”
Ni igiki ku bwawe ubona cokosorwa mw’itegurwa ry’ibiteramo ?
Evalde Izikwumva



