Kirikou A-Kili arabandanya kuvugisha benshi inyuma y’ivyamushikiye mu gihugu c’Urwanda

Evalde Izikwumvaoctobre 23, 20253min520
WhatsApp Image 2025-10-23 at 9.18.16 AM

 

Umuririmvyi Kirikou A-Kili, kimwe na mugenzi wiwe Double Jay Once Again, barabandanya urugendo rwabo rw’ibikorwa vy’umuziki mu gihugu c’Urwanda.

Ni mu gihe urwamo rubandanya kuba rwinshi, rukaruta n’inkomezi ibikorwa vyari vyabajanye muri ico gihugu. Imvo nyamukuru ni ivyabaye ku musi w’Imana, igenekerezo rya 19 Gitugutu 2025, aho Kirikou yari yitavye igiteramo “Let’s Celebrate” hamwe n’abandi baririmvyi bo muri ico gihugu.

Kirikou yashikiwe n’ibintu benshi bise akaronderano canke ubunyamwuga buke ku bari bajejwe ivyuma vy’amajwi muri ico giteramo. Magingo yari agiye kuririmba indirimbo yiwe Aha ni he?”, ivyuma vyaciye bigira ikibazo — amajwi ntiyasohoka.

Icababaje abatari bake ni uko ari ubugira kabiri ikibazo nk’ico kiba kuri uwo muririmvyi w’Umurundi yagiyeyo guteramisha.

Mu Kigarama 2023, Double Jay na Kirikou A-Kili nyene bari bagiranye ibibazo n’umuvangavanzi azwi cane mu Rwanda, DJ Phil Peter, aho yashizemwo indirimbo itari iyo Double Jay yashaka kuririmba, mbere itari n’iyiwe. Ivyo vyaciye bituma bava ku butambiro bataryoheye abafana nk’uko bavyipfuza.

Inyuma y’uko ivyuma bihagaritse akanya, Kirikou A-Kili yashimye kubandanya aririmbana n’abafana biwe, ari nako abakunzi biwe basaba abo mu buhinga bw’ivyuma gusubira kwatsa ibikoresho, na rirya hari abiyumvira ko vyaciwe n’impaka.

Icatangaje abakunzi b’umuziki bo mu Burundi batari bake, ni ukugene ibinyamakuru bitari bike vyo mu Rwanda vyanditse ibidahuye n’ukuri, aho vyagiriza Kirikou A-Kili n’abakunzi biwe kugwana, mu gihe ivyo bitigeze biba.

Drama-T ngo nta gishasha kirimwo : Kirikou A-Kili siwe muririmvyi wa mbere w’umurundi yoba afatiwe nabi mu Rwanda

Umuririmvyi Drama-T, umwe mu bakunze gukorera ibiteramo mu Rwanda, mu kiganiro yagiranye n’umumenyeshamakuru Mc Kaboss, yavuze ko nawe amaze gushikirwa n’ibisa n’ivyo. Yagize ati yigeze gusaba gukora umuziki w’ikibiriraho (live music) mu giteramo, ariko arankirwa mu gihe abandi baririmvyi bavyemerewe.

Drama-T avuga ko iyo ibintu nk’ivyo bimushikiye, akunda kubandanya ibikorwa vyiwe atabitevyeko cane, kugira yirinde ko vyovamwo izindi mvururu — ariko ngo ntibisigura ko ataba yabibonye.

Ami Pro abonako gufata nabi abaririmvyi b’abarundi atarivyo bizotuma umuziki wo mu Rwanda uca utera imbere

Ku rubuga rwa Facebook, umuhinyanyuzi w’umuziki Ami Pro nawe yagize ico abivugako ati :

“Umuziki uhuza abantu. Umuziki utuma n’abari bafitaniye amatiku basubirana… Umuziki nta mbibe ugira. Ndavye ku vyaraye bibaye, birababaje kubona bishitse ubugira kabiri mu gihugu kimwe, kandi bigashikira umuririmvyi umwe.”

Yaciye yibaza ati : “Mbega ivyuma vyama bipfa ari uko ari Kirikou ariko araririmba ?”

Ami Pro yasavye abavuga rikijana mu muziki nyarwanda nka Coach Gaël, Muyoboke Alex, Julius Chita, Yago Nyagwaya na Ddumba, kwigisha abantu ko entertainment itubakiye ku rwanko, kuko – nk’uko yabivuze ngo “Gukorera ibintu bibi Kirikou A-Kili ntibizotuma umuziki wo mu Rwanda utera imbere. Umuziki wigisha urukundo, si urwanko.”

 

Evalde Izikwumva


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire