Mu Karere – 22/10/2025

Offre Liena Niyonkuruoctobre 23, 20253min550
Samia Suluhu

 

Ouganda – Abantu 46 bemejwe ko bitavye Imana mu mpanuka

Ni isanganya ryabereye mw’ibarabara rinini autoroute rihuza ibisagara vya Kampala na Gulu, mu bucagucagu bwo kuri uyu musi.

Igiporisi kivuga ko imodoka zibiri zitwara abantu zagonganye igihe zariko zirondera guca ku zindi. Imwe muri izo modoka yagerageje kwirinda impanuka, ivyatumye haba isanganya rikomeye kuko yatumye izindi modoka zita umurongo, zikagongana ari nyinshi. Abatari bake bakomeretse, abandi barapfa, bose bakaba baciye bashikanwa ku bitaro biri hafi.

Prezida Museveni co kimwe n’igiporisi bahojeje imiryango yabuze, bongera bamenyesha ko amatohoza ariko arabandanya.

Tanzania – Prezida Suhulu yongeye gusaba abanyagihugu kubungabunga amahoro, na cane cane umusi w’amatora

Suluhu yasavye Abatanzaniya kugenda bagatora, mu nyuma bagataha mu mahoro. Ivyo yabivuze mu gihe yariko ariyamamaza ku kibuga Kuche mu karere ka Ilala.

Yongeye amenyesha ko mu gihugu cose abajejwe umutekano biteguye neza kandi bafise ibikoresho bikwiye. Ni mu gihe hasigaye imisi indwi ngo amatora abe, ategekanijwe kw’itariki ya 29 Gitugutu 2025.

Tubibutse ko muri ico gihugu, urubuga rwa X rwugawe kuva muri Ruheshi uno mwaka, ivyo abatari bake babona nko gushaka kunigira mu menshi ivyiyumviro vy’abatavuga rumwe na Reta.

Kenya – Sentare y’ikirenga (High Court) yahagaritse ishirwa mu ngiro ry’itegeko ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu

Justice Lawrence Mugambi, umukuru w’iyo sentare, yamenyesheje ko ahagaritse ishirwa mu ngiro ry’uduce tumwe tumwe tw’iryo tegeko ritegekanya ibihano bijanye n’ikoreshwa ry’inyabwonko hamwe n’ivyaha bikorwa kuri internet.

Iyo sentare ngo yasanze hariho uduce tubangamira ubwisanzure bwo gushikiriza ivyiyumviro. Ni inyuma y’uko hatangujwe urupapuro rw’imikono (petition) ruhuza abiyamiriza iryo tegeko, eka mbere n’ikigo c’igihugu kijejwe guharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu (Kenya Human Rights Commission) kigahaguruka kikaryiyamiriza.

Ivy’iryo tegeko bikazokwigwa neza n’iyo sentare ku wa 5 Munyonyo.

Offre Liena Niyonkuru


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire