
Ivyo, vyashikirijwe na Nzitunga Dieudonné, umwe mu bajejwe ikigo kijejwe kwegeranya amaraso mu ntara ya Gitega. Ni mu gihe bariko begeranya amaraso kuri uyu wa 1 Mukakaro 2025 igihe bariko bahimbaza imyaka 63 irangiye Uburundi bwikukiye.
Dieudonné agira ati: « Abanyeshure nibo ahanini batanga amaraso. Si ukuvuga ko abandi batavyijukira, oya! Ni kubera y’uko mu mashure niho turonka abantu baba begeraniye hamwe, bikatworohera kuronka abantu, nibo duheza tugahimiriza kugira batange amaraso. »
Hokorwa iki kugira abantu batahure akamaro ko gutanga amaraso?
Nzitunga yibutsa ko igikwiye gukorwa ar’uko abantu bose batahura ko igikorwa co gutanga amaraso ari igikorwa gifitiye akamaro twese, abantu bose, imice yose baba abahambaye n’abatobato, barakwiye gutahura y’uko gutanga amaraso ari ikintu c’inyungu rusangi kuko twese kugwara biradushikira nta muntu numwe atokenera amaraso. Nico gituma uwariwe wese yarakwiye kumva kwari ibwirizwa gutanga amaraso kuko ari ku neza ya twese.
Ikindi Dieudonné ahanura abajejwe intwaro n’uko bofasha mw’ihimiriza mu gihe bariko barakoresha ama nama kubo bajejwe, bagatanga ubutumwa ko gutanga amaraso ari igikorwa ca twese, ari ku neza y’amagara yacu kuko twese tugwaye dukenera amaraso.
Twibukanye:



