Blog

Bring to the table win-win survival strategies to ensure proactive domination. At the end of the day, going forward, a new normal that has evolved from generation.
WhatsApp-Image-2025-10-19-at-14.37.16.jpeg

Jean de Dieu Nahabakomeyeoctobre 19, 20254min1940
Ejo hahise ku wa 18 Gitugutu 2025 wari umunsi mpuzamakungu wahariwe “ménopause”. Ménopause, ni igihe umugore ahagarika kuba yoshobora kwibungenga. Muri ico gihe, umugore ntaba akija mu butinyanka kubera igabanuka ry’inkabuzo “œstrogènes” na “progestérone” zituma abona amaraso igihe c’ubutinyanka. Iyo umugore amaze umwaka ataja mu butinyanka kandi atasamye inda canke ngo aje ku buryo bwo […]

Insuline-.jpg

Guillaume Muhozaoctobre 15, 20253min2010
Mu gihe ikibazo c’ugucikagurika kw’umuyagankuba kimeze nk’akarande mu bisagara bitari bike, hari bamwe mu Barundi bakorwako cane. Abagwayi bagendana indwara zibasaba gufata imiti y’ibinyabuzima ikenera kubikwa ahantu hakanye. BS*, aba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, agendana indwara ya diabète imusaba kwitera urushinge rw’insuline kabiri ku musi yabwiye Iris News ko ibihe vy’ukubura umuyagankuba bimushira mu […]

Rumuri-.jpg

Evalde Izikwumvaseptembre 21, 20253min1800
Itangwa ry’iyo ngurane ku banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi ririko rikorwa n’ibanki Banque de Crédit de Bujumbura, BCB. Ivyo tukaba  twavyiboneye mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi kiri ku Mutanga kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Nyakanga 2025. Nkuko twabisiguriwe n’abakozi b’ibanki BCB bariko barakira ababitura ngaho mu kigo co ku Mutanga, iyo ngurane iriko itangwa […]

Faustin-Ndikumana-.jpg

Jean de Dieu Nahabakomeyeseptembre 11, 20252min2010
Mu gihe igenekerezo rya 9 Nyakanga ari umusi mpuzamakungu wahariwe uburimyi, ishirahamwe Parcem ryaratanze ikiganiro n’abamenyeshamakuru rivuga ku ruhara rw’uburimyi mu kugwiza umwimbu w’ibishorwa hanze. Abamenyeshamakuru ni kwo kubaza Faustin Ndikumana arongoye Parcem ico yibaza ku vyashikirijwe n’Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye ku wa 14 Myandagaro 2025. Ico gihe, Ntahontuye yavuze ko abo mu mashirahamwe […]

Eclipse-lunaire.jpg

irisnews257septembre 8, 20253min2230
Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 7 Nyakanga 2025, harabonetse ukwezi kw’umutuku  kubera ubwirakabiri bw’ukwezi bwuzuye. Ibi biba igihe izuba, isi n’ukwezi bibaye ku murongo umwe, maze isi igasiga igitutu cayo ku kwezi. Twarabibasangije mw’ijoro riheze.  Mbega ubwirakabiri bw’ukwezi n’ubwirakabiri bw’izuba bitandukaniye hehe ? Nk’uko tubikesha ikinyamakuru Le Monde, ubwirakabiri bw’izuba bubaho igihe ukwezi gusanzwe kwitambitse […]

IB1F0310-1280x853.jpg

Guillaume Muhozaseptembre 5, 20257min1840
Ubuserukizi bw’Ubudagi i Bujumbura bwarahuje abatohoji, abamenyeshamakuru, abigisha n’abanditsi kuri uyu wa 4 Nyakanga mu nama yo kwerekana ibimaze gukorwa n’Ubudagi mu Burundi mu ntumbero yo gufasha mu kumenyekanisha ivyaranze ubukoroni bw’Ubudagi ku Burundi. Mu vyakozwe, hari nko guha akaryo ko kwiga ako kahise ku batohoji b’abarundi baja kwiga mu makaminuza yo mu Budagi. Jean […]

IMG-20250731-WA0048-1280x854.jpg

irisnews257août 1, 20252min1650
Liboire Bigirimana, Buramatari wa Gitega, yeretswe icese abenegihugu bo muri iyo ntara. Ni mu birori vyari birongowe n’Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye mu gitondo co kuri uyu wa 31 Mukakaro 2025.   “Twagira tumusabe ntaze atumaramaze” Mw’ijambo ryo kwakira Buramatari mushasha, Prezida Ndayishimiye yasavye Liboire Bigirimana ko atobamaramaza kuko bamuhaye kurongora iyo ntara isanzwe irimwo umugwa […]

WhatsApp-Image-2025-08-01-at-9.37.20-AM-1.jpeg

Guillaume Muhozaaoût 1, 20252min1920
Mu gihe Papa Leo wa XIV abandanya gushira ku murongo intambwe z’intwaro yiwe nk’Umwungere mukuru w’Ekleziya Katorika kw’isi yose, imigenderanire ya Vatikano n’Uburundi nayo nyene iriko irahabwa inguvu nshasha. Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 31 Mukakaro 2025, Musenyeri Dieudonné Datonou, aserukira Papa mu Burundi, yamenyesheje ko hariko harategurwa urugendo rw’intumwa zo ku rwego rwo […]

504379464_1340962321128316_7868577864909192439_n.jpg

irisnews257juillet 10, 20252min2130
Ni abaganga bazovura indwara zitandukanye ku buntu. Nazo ni: ubumuga bw’amagufa aturutse ku masanganya, ingwara z’imitsi nsonza-bwenge mu bwonko, kuvura uruti rw’umugongo, indwara zo mubihimba vy’irondoka, indwara z’umutima, indwara z’amaso, gutera amafyigo mashasha, ingwara y’uruti rw’umugongo n’udutsi twaho. Abo bahinga bakazotangura igikorwa cabo ku ma genekerezo ya 14 gushika 18 Mukakaro ku bitaro bikuru vy’i […]


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire