Catégorie : Amakuru mashasha

514410887_1336964551528093_3686786393897059201_n-1280x1280.jpg

irisnews257juillet 5, 20258min810
Mu rukino rwahuje iyo migwi mikeba kuri uyu wa 0/7/2025, uduce dutatu twa mbere twose twarangiye umugwi w’Urunani uri imbere: Agace ka mbere: 26-15 Agace ka kabiri: 46-39 Agace ka gatatu 62-59 Ugiwe imbere n’umukinyi Cuma Toto Noe hamwe n’ugufashanya kwiza hagati y’abakinyi bose no kuzibira neza, umugwi wa Dynamo wahindukije ibintu, birangira wirengeje Urunani […]

514542353_1336580218233193_1233508085534936370_n.jpg

irisnews257juillet 5, 20253min970
Ivyo biciro bishasha vyatanguye kugaragara kuva kuri uyu wa 05/7/2025. Impinduka zakozwe mu mice ibiri muri rusangi: ibiciro vy’imitekero vyongerejwe ariko kandi n’imitekero yongerejwe uko ingana Akarorero dufatiye ku mitekero ikunzwe kurusha iyindi: Umutekero wa internet umara ukwezi w’ama GB wahora ugurwa ibihumbi 13 000 ubu ugeze ku bihumbi 18 000. Yamara uwo mutekero waciye […]

515865709_1334989891725559_9134069774044771307_n.jpg

irisnews257juillet 3, 20251min830
Mu birori vyo guhimbaza imyaka 63 iheze Uburundi buronse intahe y’ukwikukira vyabaye ku wa 1 Mukakaro 2025, musitanteri wa komine Rumonge Minani Augustin yamenyesheje ko ubutunzi bw’iyo komine bwiyongereye ibice birenga 50 ugereranije n’iyindi myaka bivuye ku makori n’amatagisi. Musitanteri yagize ati: « Amafaranga komine itoza mu makori n’amatagisi yariyongereye, ikaba yabaye imwe mu ntambwe zo […]

514355616_1334972011727347_5130919671185500338_n.jpg

irisnews257juillet 3, 20252min810
Biciye mu bushikiranganji bw’ubudandaji, Uburundi bwaraye bubaye igihugu ca mbere mu bigize umuryango w’isoko rusangi COMESA, mu gutanguza ubuhinga bwa none bise RGTD( Régime Nationale de Garantie du Transit sous Douane), bugiye gukoreshwa mu kurondera impapuro z’ubwishingizi bw’urudandazwa ndengambibe. Hari kuri uyu wa 2 Mukakaro 2025 i Bujumbura Charles Ndagijimana, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe SOCABU yamenyesheje […]

514981417_1334953968395818_4912467253148525169_n-1280x1707.jpg

irisnews257juillet 3, 20255min730
Diogo Jota yapfiriye mw’isanganya ry’imodoka ryabereye ahitwa Zamora mu gihugu ca Espagne mu gitondo co kuri uyu wa kane, aho yari kumwe na murumuna we, nawe nyene yahavuye ahasiga ubuzima nk’uko vyatangajwe n’ikinyamakuru #Marca. Imodoka yarimwo ikaba yataye ibarabara, mu nyuma yaka umuriro. Umukinyi Diogo Jota yitavye Imana yari nde ? Amazina yiwe ni Diogo […]

FB_IMG_1751549476217.jpg

irisnews257juillet 3, 20254min670
Inama Nkenguzamateka yemeje kuri uyu wa 3 Mukakaro 2025 ba Buramatari bazorongora intara zitanu (5) zigize Uburundi. Buhumuza : Dénise Ndaruhekeye Bujumbura : General Major  Ndayikengurukiye Aloys Butanyerera : Gen de brigade de police Victor Segasago Gitega : Liboire Bigirimana Burunga : Mboninyibuka Parfait Ayo mazina akaba yarungitswe n’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo yemezwe n’abakenguzamateka. […]

FB_IMG_1751549749649-1280x853.jpg

irisnews257juillet 3, 20251min880
Mu gihe imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ihitiye mu bibazo kuva muri Nzero 2024, abasirikare b’Uburundi bariko barafasha abanyagihugu bo mu turere twa Ngoma na Nyanza mu Rwanda, biciye mu bikorwa vy’ugufashanya hagati y’igisirikare n’abasivile. Ivyo bikorwa bigeze mu ndwi igira gatanu y’ibikorwa vyahariwe ugufashanya kwa gisivile na gisirikare (cooperation civilo-militaire), bihuriyemwo ibihugu bigize Umuryango wa […]


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire