Catégorie : Inkuru Nyamukuru

E-kori--1280x854.jpg

Evalde Izikwumvajanvier 20, 20262min430
Ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi (OBR) caratanguje ku mugaragaro urubuga rushasha rwiswe e-Kori, rugamije kworosha no kwihutisha ibikorwa vyo kwegeranya amakori, no gutuma seruvisi zihabwa abanyagihugu zigenda neza kurushiriza hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi. Ivyo bikorwa vyabaye ku wa 19 Nzero, ku cicaro gikuru ca OBR mu nyubakwa ya Virago, bikaba vyari vyitabwe n’Umushikiranganji […]

1768835741356.jpg

Evalde Izikwumvajanvier 19, 20262min290
Aya majambo yavuzwe na Patiri Arcade Nitunga, arongoye Paruwasi Mutima w’Ubwitonzi yo ku Mutanga Sud, akaba n’umwibutsamana wa Kaminuza y’Uburundi. Patiri Nitunga yamenyesheje ko akunze kwakira abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi bamwitura, bipfuza kwakira amasakaramentu inyuma yo gutwara imbanyi bwa sanganya. Nk’uko bitegekanijwe n’inyigisho z’Ekleziya Katorika, uwatwaye imbanyi asabwa gusubizwa mu muryango w’abemera. Ivyo ngo […]

20260112_191918.jpg

Bienfait Cakwerijanvier 13, 20263min440
Iri shirahamwe rifise icicaro gikuru mu ntara ya Butanyerera neza na neza muri Komine Kayanza. Ariko, kuwa 10 Nzero 2026, haruguruwe ishami ryayo mu ntara ya Gitega, aho hanashizweho inzego nyobozi muri ako karere. Iri shami rya Gitega ryuguruwe inyuma y’iryashinzwe i Bujumbura, mu ntumbero yo gupfunyiriza urugendo abanywanyi bahora baryitura mu Kayanza. N’ubwo riri […]

Samia-Suluhu.jpg

Offre Liena Niyonkuruoctobre 23, 20253min630
  Ouganda – Abantu 46 bemejwe ko bitavye Imana mu mpanuka Ni isanganya ryabereye mw’ibarabara rinini autoroute rihuza ibisagara vya Kampala na Gulu, mu bucagucagu bwo kuri uyu musi. Igiporisi kivuga ko imodoka zibiri zitwara abantu zagonganye igihe zariko zirondera guca ku zindi. Imwe muri izo modoka yagerageje kwirinda impanuka, ivyatumye haba isanganya rikomeye kuko […]

WhatsApp-Image-2025-10-23-at-9.18.16-AM.jpeg

Evalde Izikwumvaoctobre 23, 20253min640
  Umuririmvyi Kirikou A-Kili, kimwe na mugenzi wiwe Double Jay Once Again, barabandanya urugendo rwabo rw’ibikorwa vy’umuziki mu gihugu c’Urwanda. Ni mu gihe urwamo rubandanya kuba rwinshi, rukaruta n’inkomezi ibikorwa vyari vyabajanye muri ico gihugu. Imvo nyamukuru ni ivyabaye ku musi w’Imana, igenekerezo rya 19 Gitugutu 2025, aho Kirikou yari yitavye igiteramo “Let’s Celebrate” hamwe […]

Kirikou-A-Kili.jpg

Evalde Izikwumvaoctobre 21, 20252min570
Ivyuma vy’umuziki mu Rwanda vyoba bipfa hageze ko Umurundi ashika ku butambiro ? Nico kibazo kiriko kiribazwa n’abakunzi b’umuziki w’Uburundi ?  Umuririmvyi Kirikou Akili ari mu rugendo rw’ibikorwa vyiwe vy’umuziki mu gihugu c’u Rwanda. Ku musi w’Imana kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2025, yari aramutse ateramisha mu giteramo “Let’s Celebrate” kumwe n’abandi baririmvyi bo muri ico […]

Insuline-.jpg

Guillaume Muhozaoctobre 15, 20253min760
Mu gihe ikibazo c’ugucikagurika kw’umuyagankuba kimeze nk’akarande mu bisagara bitari bike, hari bamwe mu Barundi bakorwako cane. Abagwayi bagendana indwara zibasaba gufata imiti y’ibinyabuzima ikenera kubikwa ahantu hakanye. BS*, aba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, agendana indwara ya diabète imusaba kwitera urushinge rw’insuline kabiri ku musi yabwiye Iris News ko ibihe vy’ukubura umuyagankuba bimushira mu […]

Rumuri-.jpg

Evalde Izikwumvaseptembre 21, 20253min800
Itangwa ry’iyo ngurane ku banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi ririko rikorwa n’ibanki Banque de Crédit de Bujumbura, BCB. Ivyo tukaba  twavyiboneye mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi kiri ku Mutanga kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Nyakanga 2025. Nkuko twabisiguriwe n’abakozi b’ibanki BCB bariko barakira ababitura ngaho mu kigo co ku Mutanga, iyo ngurane iriko itangwa […]

Faustin-Ndikumana-.jpg

Jean de Dieu Nahabakomeyeseptembre 11, 20252min980
Mu gihe igenekerezo rya 9 Nyakanga ari umusi mpuzamakungu wahariwe uburimyi, ishirahamwe Parcem ryaratanze ikiganiro n’abamenyeshamakuru rivuga ku ruhara rw’uburimyi mu kugwiza umwimbu w’ibishorwa hanze. Abamenyeshamakuru ni kwo kubaza Faustin Ndikumana arongoye Parcem ico yibaza ku vyashikirijwe n’Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye ku wa 14 Myandagaro 2025. Ico gihe, Ntahontuye yavuze ko abo mu mashirahamwe […]


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire