Abagize Reta y’Uburundi bagenywe ku wa 05 Myandagaro 2025

Jean de Dieu Nahabakomeyeaoût 8, 202538min1100
GOUVERNEMENT (1)
Prezida Evariste Ndayishimiye afashijwe n’Icegera ciwe Prosper Bazombanza be n’Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye baragenye abashikiranganji bagize Reta y’Uburundi kuva ku wa 05 Myandagaro 2025.
Muri bino bisomwa, turagaruka kuri bamwe muri bo.

http://<!–nextpage–>

Nestor Ntahontuye agiye kuba Umushikiranganji wa mbere, ni nde ?

Ku myaka 47 Nestor Ntahontuye yagenywe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa 05 Myandagaro 2025 ngo abe umushikiranganji wambere wa Reta y’Uburundi. Kuva Ibwirizwa shingiro rikuraho ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu rigiyeho mu 2018, Ntahontuye abaye umushikiranganji wambere agira gatatu inyuma ya Allain Gillaume Bunyoni na Gervais Ndirakobuca.
Nestor Ntahontuye afise impamyabushobozi y’igice ca kabiri c’inyigisho za kaminuza (master) mu gisata c’ibiharuro fatiro (statistique). Yavukiye mu ntara ya kera ya Ruyigi mu 1978, ubu isigaye ari Buhumuza.
 Kuva ku wa 09/12/2024, yagenywe kuba umushikiranganji w’ikigega ca Reta. Gushika ubu ayo mabanga, yari ayamazemwo amezi umunani.
Mu matora yo mu 2020, yaratowe nk’umushingamateka aserukira intara ya Ruyigi. Muri ayo mabanga yamazemwo imyaka ine, yari arongoye umugwi w’inama nshingamateka wamaho ujejwe ibijanye n’ubutunzi.
 Amaze kugenwa, Nestor Ntahontuye yaciye yakirwa n’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zikoranye igihe c’isaha cumi n’imwe z’umuhingama wo kuri uyo wa 05 Myandagaro nyene, aca ararahirira ayo mabanga. Iryo joro nyene, abashikiranganji cumi na batatu (13) bagize Reta yiwe baciye barara batangajwe. Muri iyi nkuru nyene kuri pages zikurikira, niho musanga umwidondoro w’umwe umwe.

Edouard Bizimana, yagenywe kuba Umushikiranganji w’imigenderanire. Mbega Ninde ?

Edouard Bizimana yavutse kw’itariki ya 10 Ruhuhuma 1968 ku mutumba Kinyonzo, Komine Ryansoro ya kera, isigaye ibarizwa muri Gishubi mu ntara ya Gitega. Amashure yisumbuye yayize kuri Lycée Rusengo mu ntara ya Ruyigi. Yize ururimi rw’icongereza muri kaminuza y’Uburundi. Yabandanirije ivyigwa vyiwe muri Cameroun, i Yaoundé, aho yaronse urupapuro rw’umutsindo DESS mu vy’imigenderanire mpuzamakungu hari mu 2000.
Mu 2003 naho, yaronkeye muri Cameroun nyene impamyabumenyi ya Doctorat yakuye ku vyigwa vyerekeye amahoro, intambara no gukingira ibidukikije mu karere ka Afrika yo hagati n’iy’ibiyaga binini.
Mu myimenyerezo yiwe (stages académiques), yarakoreye mu bushiranganji bw’imigenderanire n’amakungu bwa Cameroun, mu kigo cigisha ivy’imigenderanire mpuzamakungu c’i Cairo mu Misiri n’ahandi.

Edouard Bizimana yinjiye mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu mu 2004.

Mu mabanga yashinzwe, yakoze mu bushikiranganji nk’umuhinga aserukira Uburundi mu bijanye n’imigenderanire na Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibihugu vya Buraya.
Mu 2007, yarungitswe mu butumwa i Washington DC nk’umuhanuzi wa kabiri, gushika mu 2010. Inyuma y’aho, yahavuye aba Ambassadeur w’Uburundi mu Budagi kuva mu 2012 gushika mu 2016.
Ico gihe, yabikora yongera ahagararira Uburundi no mu yandi makungu: Otirishe, Vatikano, Cekoslovaki, Slovakiya, hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu ari i Vienne.
Mu 2016, Edouard Bizimana yarungitswe nka Ambassadeur w’Uburundi mu Burusiya. Aho, yagiye yerekana aho ahagaze ku bibazo bikomeye bijanye n’imigenderanire y’ibihugu muri kino gihe, harimwo uruhara rwa Afrika mu ntambara hagati y’Uburusiya na Ukraine. Yigeze kuvuga ati: “Hari ibihugu vya Afrika biriko biragerageza kunezera bose, Uburusiya hamwe na Ukraine, ariko ivyo birashobora gutuma bisigara ata jambo bifise. Afrika ikwiye kwihagararako, igashikiriza ivyiyumviro vyayo ataho ihagaze.”
Bizimana yaratanze ivyiyumviro vyinshi bijanye no kwubaka ishusho nshasha y’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, inyuma y’ibibazo vya politike vyagiye biribonekeza kuva mu 2015.
Edouard Bizimana asanzwe kandi ari n’umwanditsi.
Yanditse igitabu citwa « Au service de la diplomatie burundaise », aho yasesanguye uruhara rw’umuserukizi w’igihugu (ambassadeur) mu gushigikira inyungu z’igihugu mu makungu. Muri ico gitabu, yaragaragaje ko abadipolomate bakwiye kuba « amaso n’amatwi y’igihugu hanze yaco », aho kuba abarungikwa gusa ngo baje guseruka. Yaranditse kandi “Burundi, une vie à la sauvette: savoir porter sa croix” igitabu avugamwo amakuba yaciyemwo mu gihe c’amagume yo mu Burundi.
Mu 2022, Edouard Bizimana yagenywe kuba umwe mu batumwa ibikorwa n’ingendo (Chargé de missions) mu biro vy’Umukuru w’Igihugu. Kuri uyu wa 05 Myandagaro 2025, agenywe kuba Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, iyinjira ry’igihugu mu mashirahamwe yo mu karere no gufashanya mw’iterambere.

Alain Ndikumana: Umucafyi wa ya ‘Mbonakazoza 2040-2060’ yagenywe kuba umushikiranganji mushasha w’ikigega ca Reta. Mbega Ninde ?

Alain Ndikumana ni umuhinga mu vy’ibiharuro ndondankuru bikoreshwa mu gisata c’ubutunzi (Statisticien Economiste).
Kuva mu Kigarama 2023, ni Umukuru w’ibiro bikuru bijejwe inyigisho z’imigambi y’iterambere (Bureau des Études Stratégiques et de Développement – BESD) bikorera mu biro vy’Umukuru w’Igihugu. Ni kubw’ayo mabanga yashinzwe n’Umukuru w’Igihugu kwandika igicapo c’imbonakazoza ‘Uburundi, igihugu cifashe muri 2040, Uburundi, igihugu giteye imbere muri 2060.”
Alain Ndikumana yize ibiharuro bijanye n’ubutunzi (Ingéniorat en statistiques- économiques) muri Kaminuza y’Uburundi. Yaciye abandanya gukarisha ubwenge ku rwego rwo hejuru, gushika no mu gice ca Doctorat muri kaminuza ENSEA i Abidjan muri Côte d’Ivoire, aho yasesanguye uburyo imfashanyo z’amakungu zikoreshwa mu bihugu vy’Afrika.
Alain Ndikumana yatanguye gukorera muri ISTEEBU mu 2010 aho yakoze mu bijanye no gukurikirana amasosiyete n’amasoko y’akazi ari umukozi asanzwe, Mu 2016, yagenywe kuba umuyobozi w’ico gisata. Ico kibanza yakimazemwo imyaka irenga itanu gushika mu 2023.
Mu mwaka wa 2023, yarashimiwe n’ikigo Econometric Society for Africa nk’umuhinga akiri muto yanditse inkuru (article) inonosoye mu vy’ubutunzi, ahabwa agashimwe k’umwanditsi w’umwaka.
Mu nama yahuje abayobozi bakuru bo mu bisata vya Reta y’Uburundi muri Myandagaro 2024, niho yatanze insiguro nyamukuru yerekana intumbero y’imbonokazoza 2040-2060, aho yamenyesheje ati:
Iterambere ntirisigura kwubaka inzira gusa. Risaba guhindura ivyiyumviro, imyitwarariko, n’ingendo y’Umurundi umwe umwe. Umugambi wa Reta ntushobora gushoboka hatabaye uruhara rwa bose, n’ugutahura ico igihugu gikeneye mu kiringo kirekire.
Ndikumana ashimangira ko Uburundi bufise ubushobozi bwo kwiyubaka ubwabwo. Aho avuga ati:
Iyo igihugu gikora nk’umuryango umwe, gishobora kurangura imigambi iramba. Twategerezwa kureka iciyumviro c’uko iterambere ritangwa. Iterambere rihingurwa imbere, mu mutima no mu mutwe wa buri munyagihugu.”
Kuri uyu wa 05 Myandagaro 2025, niho Alain Ndikumana yagenwa kuba Umushikiranganji w’ubutunzi, ikigega ca Reta n’ubutunzi bufatiye ku buhinga bwa none

Calinie Mbarushimana agiye kuba Umushikiranganji w’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi: Mbega Ninde ?

Umukenyezi Calinie Mbarushimana yagenywe n’Umukuru w’Igihugu mu mabanga y’Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi. Uyo mupfasoni yize muri Kaminuza y’Uburundi igisata ca Bio-Chimie.
Asanzwe azwi cane mu butumwa yagiye akora ku rwego rwa Reta no mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD.
Calinie Mbarushimana avuka muri komine ya Bugenyuzi ya kera, iri mu ntara ya kera ya Karusi. Yatanguye kumenyekana mu kazi ka Reta igihe yakora mu mugwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, aho yabaye umwe mu ba komiseri.
Mu mwaka wa 2015, yagenywe n’umuhisi Prezida Petero Nkurunziza ngo arongore intara ya Karusi, aba abaye Buramatari wa mbere w’umukenyezi arongoye iyo ntara ya Karusi.
Mu 2020, Prezida Evariste Ndayishimiye yaramwongeye icizere, abandanya kurongora iyo ntara gushika mu 2023, aho yaciye ahamagarwa i Bujumbura, agirwa Umunyamabanga Ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere rusangi.
Kuva ico gihe, yariko arabangikanya ayo mabanga n’ayandi ku rwego rw’igihugu, aho yari Umunyamabanga Ntunganyabisata mu mugambwe CNDD-FDD.
Ubu agiye kuramutswa ubwo bushikiranganji bukomeye, mu gihe Umukuru w’Igihugu abandanya kwemeza ko uburimyi aribwo bukwiye kuba inkingi y’iterambere.
Kuva kuri uyu wa 05 Myandagaro 2025, Calinie Mbarushimana asubiriye Prosper Dodiko yahora aramutswa ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi.

Muganga Lyduine Baradahana agiye kubandanya ari Umushikiranganji w’amagara y’abantu: Mbega Ninde ?

Mu mazina agarutse mu Reta nshasha yatangajwe, harimwo iry’umukenyezi Dr Lyduine Baradahana, asanzwe ari Umushikiranganji w’amagara y’abantu kuva muri Gitugutu 2023, akaba yagenywe kubandanya muri ayo mabanga.
Uwo mupfasoni akomoka mu ntara ya Bujumbura, akaba yize ubuganga muri Kaminuza y’Uburundi.
Dr Baradahana yagiye aragira amabanga atandukanye, mu nzego z’ubuvuzi zitandukanye haba mu Burundi canke mu bihugu vya Afrika yo hagati n’iya ruguru.
Muri ayo mabanga, harimwo:
▪️ Muganga ku bitaro vya Butezi
▪️ Muganga-Muyobozi w’ivyo bitaro
▪️ Muganga-Muyobozi w’intara y’ubuvuzi ya Ruyigi
▪️ Icegera c’Umuyobozi ajejwe gutunganya ivyo kuvura (services des soins) ku bitaro Roi Khaled
▪️ Umuhanuzi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu
▪️ Icegera c’Umuyobozi Mukuru w’umugambi ujejwe kurwanya malaria (PNILP)
▪️ Umuyobozi Mukuru wa PNILP
▪️ Uwujejwe igisata c’imfashanyo z’ikigo Fonds Mondial muri PNILP
▪️ Uwukurikiranira hafi ivy’ihinduka n’ico bimaze (suivi-évaluation) mu mugambi w’ubufatanye hagati ya PNILP na Fonds Mondial
▪️ Umuhinga yigenga (consultant indépendant) akorera amashirahamwe mpuzamakungu ku migambi y’amagara y’abantu mu bihugu nka Mali, Niger, Gabon, n’ahandi.
Yinjiye muri Reta y’Uburundi mu kwezi kwa Gitugutu 2023, agirwa Umushikiranganji w’amagara y’abantu. Ubu yagenywe kubandanya muri ayo mabanga, asanzwe azwi ko afise ubunararibonye n’ubumenyi mu bijanye n’ubuvuzi no gutunganya imigambi mpuzamakungu.

 Gabby Bugaga: Umushikiranganji azoba ajejwe ibinyamakuru nawe yahoze ari umumenyeshamakuru. Mbega Ninde?

Gabby Bugaga avuka muri komine Muhuta mu ntara ya Bujumbura yagutse.
Yize igisata c’ubuhinga bwo kumenyesha amakuru (Sciences de la Communication) kuri Kaminuza y’Umuco, Université Lumière de Bujumbura.
Yatanguriye umwuga wiwe wo kumenyesha amakuru kuri Radio-Télévision Nationale du Burundi (RTNB).
Mu 2013, yaronse agashimwe kadasanzwe katanzwe n’Inama Nkuru y’igihugu ijejwe gucungera ibinyamakuru (CNC) ku nkuru yanditse ku bijanye no kwijukira gutera ibiti mu karere ka Butihinda inyuma y’ugucukura amabuye y’agaciro mu buryo budakurikije amategeko.
Gabby Bugaga yahavuye aba :
• Umuvugizi w’Inama Nshingamateka,
• Inyuma y’aho, ashingwa igisata c’ukumenyesha amakuru mu rwego rw’Inama Nkenguzamateka,
• Hanyuma ashingwa kuba umuvugizi w’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Muri Kigarama 2023, Gabby Bugaga yagenywe nka Komiseri ajejwe ibikoresho n’ugutunganya ivy’amatora mu mugwi ujejwe gutunganya amatora Commission Électorale Nationale Indépendante (CENI), amabanga yarimwo gushika ubu.
Kuri uyu wa 05 Myandagaro, Gabby Bugaga agenywe kuba Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru

Hassan Kibeya niwe Mushikiranganji mushasha w’Ubutare n’Agataka, Amasoko ntanganguvu, Amahinguriro, Ubudandaji n’Ingenzi. Mbega Ninde?

Hassan Kibeya ni imvukira y’igisagara ca Bujumbura. Ni umushakashatsi yanonosoye ibijanye n’ibikoresho vyo gutumatumanako amakuru n’umuyagankuba (Génie Électronique na Génie Électrique) muri Kaminuza ya Sfax muri Alijeriya.
Yahora ajejwe igisata co gushigikira urwaruka (entrepreneuriat des jeunes) mu kigo PAEEJ. Nk’umushakashatsi, ibikorwa vyiwe vyibanze ku: gutahura ukuntu internet n’imirongo ya telefone itunganywa mu Burundi, kwerekana ibibazo bifatiye ku butandukane bwo kuronka internet mu bisagara no mu misozi (fracture numérique).
 Kibeya ateye ikirenge mu makanda y’umuvyeyi wiwe Saïdi Kibeya, yahoze ari Umushikiranganji w’Indero mu Burundi.

 

Lydia Nsekera yagenywe kuba Umushikiranganji w’Inkino, Urwaruka n’Imico kama. Mbega Ninde?

Lydia Nsekera ni izina rikomeye mu bijanye n’inkino ku rwego mpuzamakungu. Yaraye agenywe n’Umukuru w’Igihugu ngo arongore ubushikiranganji bw’inkino, urwaruka n’imico kama.
Yavutse mu 1967, Ni umukenyezi w’umunonotsi yakuze akina urukino rwa Basketball. Yamenyekanye cane mu Burundi no hanze yabwo kuva mu 2004, igihe yatangura kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB), gushika mu 2013.
Kuva mu 2017 yari umurongozi w’ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi – CNO. Yabaye umukenyezi agira kabiri arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika.
Mu 2012, yaratowe kuba umukenyezi wa mbere muri Komite Nyobozi ya FIFA, aho yahavuye atorwa bushasha mu 2013 kugira abandanye muri urwo rwego mu kiringo c’imyaka ine.
Yagiye ararongora commissions zitandukanye muri FIFA aho yajejwe kurongora umugwi ujejwe guteza imbere uruhara rw’abakenyezi mu mupira w’amaguru. Mu 2016, yari mu mugwi wa FIFA ujejwe gutunganya iryo higanwa. Mu 2022, mu gihe c’igikombe c’isi cabereye i Qatar, yari umwe mu bagize komite nshingwabikorwa y’iryo higanwa.
 Ni umwe mu bagize Comité International Olympique (CIO) kuva mu 2009, aho yagiye atanga intererano mu bijanye n’iterambere ry’inkino z’abakenyezi no mu nzego z’uguteza imbere ubumwe bw’abanonotsi kw’isi.
Mu 2009, yahawe agashimwe « Femme et sport » na CIO. Mu 2011, Union des Femmes Reporters Africaines yaramuhaye agashimwe k’umukenyezi w’indongozi mu vy’inkino. Umupfakazi kuva mu 2004, Lydia Nsekera yize ibijanye no gutunganya ubutunzi muri Kaminuza.

Jean de Dieu Nahabakomeye


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire