Ihagarara ry’ubushobozi bwo kurondoka, Ménopause: ivyo tubwirizwa kumenya kuri kino gice c’ubuzima

Jean de Dieu Nahabakomeyeoctobre 19, 20254min440
WhatsApp Image 2025-10-19 at 14.37.16

Ejo hahise ku wa 18 Gitugutu 2025 wari umunsi mpuzamakungu wahariwe “ménopause”. Ménopause, ni igihe umugore ahagarika kuba yoshobora kwibungenga. Muri ico gihe, umugore ntaba akija mu butinyanka kubera igabanuka ry’inkabuzo “œstrogènes” na “progestérone” zituma abona amaraso igihe c’ubutinyanka.

Iyo umugore amaze umwaka ataja mu butinyanka kandi atasamye inda canke ngo aje ku buryo bwo gutandukanya imvyaro, akaba ageze mu myaka ya 45 kuduga, biraheza bigasigura ko yashitse muri ménopause.

Ngo birashika umugore akaja muri ménopause imbere y’imyaka 40.

Akenshi, ménopause iboneka hagati y’imyaka 45 na 55.  Yamara ngo hari igihe bishika umugore akaja muri ico gihe atarashikana n’imyaka 40. Iyo ménopause ije hakiri kare, ngo bishobora guterwa n’ingwara canke imiti ikomeye umuntu aba yarafashe.

Nk’akarorero, aha haravugwa nk’ubuhinga bwa « chimiothérapie » bukoreshwa ku bagwaye ingwara ya cancer n’ibindi. Ni co gituma ishirahamwe OMS rihanura ko mu gihe umuntu yiketseko igihe nka ménopause vyiza yokwitura muganga kugira amufashe kwitwara neza mu mpinduka ziba ziri mu mubiri wiwe.

Périménopause

Imbere ya ménopause, umugore araca mu gihe bita « périménopause ». Iki ni igihe ncahagati gitandukanya ikiringo umugore aba ashobora gusama n’ico gihe ca ménopause.

Muri iki kiringo, uwahora aja mu butinyanka mu biringo biharurika (cycle régulier) birahinduka ibidaharurika (cycle irrégulier), ariko ubutinyanka bwo ntihaba haragera ko buhagarara…

 Ménopause irangwa n’ibimenyetso bitandukanye

Igihe ca ménopause ngo hari abagore batabona ibimenyetso vyinshi, ariko hakaba n’abandi bagira ubushuhe bwinshi, badasinzira neza, bagabanura ugushaka kwo gukora imibonano mpuzabitsina, canke bakababara mu ngingo.

Hari kandi n’abagira ibimenyetso nk’ivyo kumeneka umutwe, kwuma mu gitsina, kuvyibuha, n’ibindi. Ivyo vyose bigaterwa n’igabanuka ry’inkabuzo nka « œstrogène » n’izindi, zifise uruhara rukomeye mu bijanye n’uko umubiri ukora hamwe n’irondoka.

Ménopause ku bagabo ntibaho !

Ku bagore, ménopause ibaho kubera ko inkabuzo « estrogène » na « progestérone » twababwiye ziba ziriko zirahera mu mubiri.  Ku bagabo ho rero ngo nta vya ménopause. Bobo, inkabuzo yabo « testostérone » isa n’izo twavuze ku bagore ngo ntiyigera ihera.

Ico bikoze co, iyo nkabuzo ngo iragabanuka kuko nk’iyo umugabo ageze ku myaka iri hagati ya 40 na 60, amagara yiwe (testicules) aca atangura gutakaza nka 1% buri mwaka c’iyo nkabuzo. Ibi bishobora kugira ingaruka zo gucika intege, kugabanuka kw’ugushaka imibonano mpuzabitsina canke kutamara umwanya mu gihe cayo, ariko ntibibuza ko n’umutama atera inda.

Kuja muri ménopause si icaha ! 

Muri Afrika canecane, umugore agiye muri ménopause hari aho afatwa nk’uwataye agaciro, ko yavumwe, n’ibindi. Iyo ayigezemwo atarubaka ho, afatwa nk’igicibwa mu muryango. Icegeranyo ca Northwell Health co mu 2024 co kivuga ko benshi mbere bafata ménopause nk’ijambo ridakwiye kuvugirwa mu bantu canke mu muryango.

Yamara rero, nk’uko vyerekanwa n’ubushakashatsi, ménopause ni igice gisanzwe c’ubuzima bwa buri gitsinagore. Gushika muri ico gihe ni umubiri wo nyene uvyikorera, kandi ntivyabwirizwa kubonwa nabi umugore yaba yubatse canke atahisemwo kwubaka.

Jean de Dieu Nahabakomeye


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire