‘Jewe ndima nshaka, ntawuntegeka’ – Ndikumana Faustin abwira umushikiranganji wa mbere Ntahontuye

Jean de Dieu Nahabakomeyeseptembre 11, 20252min890
Faustin Ndikumana

Mu gihe igenekerezo rya 9 Nyakanga ari umusi mpuzamakungu wahariwe uburimyi, ishirahamwe Parcem ryaratanze ikiganiro n’abamenyeshamakuru rivuga ku ruhara rw’uburimyi mu kugwiza umwimbu w’ibishorwa hanze.

Abamenyeshamakuru ni kwo kubaza Faustin Ndikumana arongoye Parcem ico yibaza ku vyashikirijwe n’Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye ku wa 14 Myandagaro 2025.

Ico gihe, Ntahontuye yavuze ko abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Reta batoguma bavuga gusa mu gihe usanga ata n’ibikorwa vy’iterambere bafise.

Ati : « Faustin Ndikumana na Gabriel Rufyiri baraterera cane, kandi barafise amafaranga. Ndababaze mwoba mufise ihegitari z’ikawa kugira muduze ubutunzi ? Ni amahinguriro angahe mumaze gutanguza ahingura umwimbu wo ng’aha ? Ni vyiza ko muba akarorero keza. »

Ndikumana Faustin ntiyirengagije kumwishura

Hafi ukwezi inyuma y’amajambo yashikirijwe n’Umushikiranganji wa mbere, Uwuramutswa Parcem yatanze umuco.

Ati : « Twebwe ntitwashinze Parcem kugira tuje kurima. Amafaranga ya Parcem si ayo kuja kurima. »

Faustin Ndikumana abandanya asigura ko kuja kurima, kwoba ari ukwinjirira abandi mu mwuga wabo, ahubwo ko we abafasha kubereka uko bobivyaza umusaruro

Ati : « Umwuga wanje si ukurima. Abawujejwe barawukora, nzobasigurira ingene botera imbere. Jewe sinjejwe kurima, kandi sindima ku gahato. »

« Ubuzi busanzwe bugabuye »

Kubwa Alexis Manirakiza, umwigisha wo muri za Kaminuza akaba n’umunyamategeko, avuga ko abantu bose batohereza mu mwuga umwe. Asigura ko ivyo uwutwara Parcem asanzwe akora, gasanzwe ari akazi mu bundi

Ati : « Reta isanzwe ihamagara abahinga ikabahemba. Imyihwezo ya Faustin iciye ama miriyoni. Ahubwo yari akwiye kuyihemberwa. »

Bienfait Loïc Cakweri

Jean de Dieu Nahabakomeye


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire