Ntibikiri ibanga | Big Fizzo aritezwe i Bujumbura, ivyo woba uramenya kuri album yiwe SOA !

Jean de Dieu Nahabakomeyeseptembre 2, 20262min140
785600676_1365473159071887_1769304273442909549_n

 

Umuririmvyi w’Umurundi Mugani Désiré, azwi nka Big Fizzo, arashika mu Burundi kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 2 Nyakanga 2026. Fizzo aje mu gihe album yiwe nshasha SOA (Son Of Alkebulan) ibandanya kuvugwa no gukundwa n’abakunzi b’umuziki.

Iyo album, Fizzo avuga ko yayihaye izina SOA, risigura “umwana w’aho vyose vyatanguriye” muri Afrika. Alkebulan rikaba ari izina rya kera ryakoreshejwe kwita Afrika, imbere y’uko izina Afrika rikoreshwa.

SOA ni album ya gatandatu Big Fizzo asohoye kuva atanguye umwuga w’uburirimvyi. Ivyo bituma aba umuririmvyi w’Umurundi afise albums nyinshi ziri ku mbuga ndangamuziki, imbere ya Kidum Kibido afise zitanu na Khadja Nin afise zine.

Iyo album igizwe n’indirimbo 14, harimwo zitanu yakoranye n’abandi baririmvyi.

Muri zo harimwo Afro Angel yakoranye na Queen D, Tell Me yakoranye na Kolly Da Magic, Nimelidhika yakoranye na Black G, Let Me Know yakoranye n’umunyarwanda Kenny Sol, hamwe na Ababare yakoranye n’umukobwa wiwe Eden.

Izindi ndirimbo icenda Fizzo yaziririmvye wenyene ni Niruze, Umurundi, Ab’isi, Donna, Gahanga, Don’t Worry, Nimelewa, Single na Muzonyibuka.

Mu gukora iyo album, Big Fizzo yakoranye n’abahinyanyuzi batandukanye, harimwo Kolly Da Magic, Young Producer, Endo Mike hamwe n’abahinyanyuzi bo muri Bantu Bwoy Music, inzu isanzwe irongowe na Big Fizzo.

Indirimbo ziri kuri SOA zakoreshejwe mu midiho itandukanye, harimwo Afrobeat, Rap/Hip Hop, Zouk hamwe na Amapiano.

Iyo album yiyongera ku zindi Big Fizzo amaze gusohora mu myaka isaga 15 amaze mu muziki. Muri zo harimwo Jewe (2009), Fizzology (2017), Desideratus (2020), Legendary (2022) na 777 Gratitude (2024).

Kubwawe, Big Fizzo yoba ari we muririmvyi w’ibihe vyose mu Burundi ? Niyaba atari uwa mbere, uwa mbere ni nde ?

Jean de Dieu Nahabakomeye


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *


Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire