octobre 23, 2025 Offre Liena Niyonkuru

Mu Karere – 22/10/2025

  Ouganda – Abantu 46 bemejwe ko bitavye Imana mu mpanuka Ni isanganya ryabereye mw’ibarabara rinini autoroute rihuza ibisagara vya Kampala na Gulu, mu bucagucagu bwo kuri uyu musi. Igiporisi kivuga ko imodoka zibiri zitwara abantu zagonganye igihe zariko zirondera guca ku zindi. Imwe muri izo modoka yagerageje kwirinda impanuka, ivyatumye haba isanganya rikomeye kuko […]
0 3min 47
octobre 23, 2025 Evalde Izikwumva

Kirikou A-Kili arabandanya kuvugisha benshi inyuma y’ivyamushikiye mu gihugu c’Urwanda

  Umuririmvyi Kirikou A-Kili, kimwe na mugenzi wiwe Double Jay Once Again, barabandanya urugendo rwabo rw’ibikorwa vy’umuziki mu gihugu c’Urwanda. Ni mu gihe urwamo rubandanya kuba rwinshi, rukaruta n’inkomezi ibikorwa vyari vyabajanye muri ico gihugu. Imvo nyamukuru ni ivyabaye ku musi w’Imana, igenekerezo rya 19 Gitugutu 2025, aho Kirikou yari yitavye igiteramo “Let’s Celebrate” hamwe […]
0 3min 44
octobre 21, 2025 Evalde Izikwumva

Kirikou A-Kili yongeye kuzimirizwako ivyuma mu giteramo mu Rwanda

Ivyuma vy’umuziki mu Rwanda vyoba bipfa hageze ko Umurundi ashika ku butambiro ? Nico kibazo kiriko kiribazwa n’abakunzi b’umuziki w’Uburundi ?  Umuririmvyi Kirikou Akili ari mu rugendo rw’ibikorwa vyiwe vy’umuziki mu gihugu c’u Rwanda. Ku musi w’Imana kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2025, yari aramutse ateramisha mu giteramo “Let’s Celebrate” kumwe n’abandi baririmvyi bo muri ico […]
0 2min 41
octobre 19, 2025 Jean de Dieu Nahabakomeye

Ihagarara ry’ubushobozi bwo kurondoka, Ménopause: ivyo tubwirizwa kumenya kuri kino gice c’ubuzima

Ejo hahise ku wa 18 Gitugutu 2025 wari umunsi mpuzamakungu wahariwe “ménopause”. Ménopause, ni igihe umugore ahagarika kuba yoshobora kwibungenga. Muri ico gihe, umugore ntaba akija mu butinyanka kubera igabanuka ry’inkabuzo “œstrogènes” na “progestérone” zituma abona amaraso igihe c’ubutinyanka. Iyo umugore amaze umwaka ataja mu butinyanka kandi atasamye inda canke ngo aje ku buryo bwo […]
0 4min 38
octobre 15, 2025 Guillaume Muhoza

 “Umuyagankuba ucitse, ubuzima bwanje buba bugiye mu kaga”

Mu gihe ikibazo c’ugucikagurika kw’umuyagankuba kimeze nk’akarande mu bisagara bitari bike, hari bamwe mu Barundi bakorwako cane. Abagwayi bagendana indwara zibasaba gufata imiti y’ibinyabuzima ikenera kubikwa ahantu hakanye. BS*, aba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, agendana indwara ya diabète imusaba kwitera urushinge rw’insuline kabiri ku musi yabwiye Iris News ko ibihe vy’ukubura umuyagankuba bimushira mu […]
0 3min 49

Ubutunzi


juillet 10, 2025 irisnews257

Ntawuzosubira kuza araja mu bushikiranganji bujejwe ubutunzi aje gusaba amafaranga ku gikorwa ku gikorwa, ubu uwuzoyashaka azoyahabwa ku bice

Igice kijanye n’ibikorwa vyinshi ari 5 cnke 6 kibure 7 bizohabwa amafaranga ku bice hanyuma baze barazana kwerekana ingene amafaranga yakoze gutyo mu bushikiranganji barabe y’uko uburyo bwakoze neza kandi bwakoze ukwo butegerezwa gukoreshwa. Uwutazoba yashoboye ubwo buryo kwerekana ukwo bwakoze, ntazoronka ikindi gice kizokwirikira, azobanza gutanga umusaruro w’igikorwa w’ayo yahawe ubwa mbere, ayo azohabwa […]
0 1min 53

juillet 10, 2025 irisnews257

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta butegekanya kwegeranya amafaranga angana n’imiriyaridi 4 821,82Fbu

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta butegekanya kwegeranya amafaranga angana n’imiriyaridi 4 821,82Fbu, muri ayo, ayazova mu makori n’amatagisi ashika imiriyaridi 2207,99Fbu Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Nestor Ntahontuye ejo hahise igenekerezo rya 9 Mukakaro 2025 mu nama yo kurabira hamwe n’abo vyega bose ingene amafaranga azokoreshwa muri uyu mwaka w’amafaranga w’2025 – 2026 yabereye i Bujumbura. […]
0 3min 57

juillet 3, 2025 irisnews257

Komine Rumonge irishimira ko yinjije ayarenga imiriyaridi zibiri z’amarundi mu mwaka w’2024-2025

Mu birori vyo guhimbaza imyaka 63 iheze Uburundi buronse intahe y’ukwikukira vyabaye ku wa 1 Mukakaro 2025, musitanteri wa komine Rumonge Minani Augustin yamenyesheje ko ubutunzi bw’iyo komine bwiyongereye ibice birenga 50 ugereranije n’iyindi myaka bivuye ku makori n’amatagisi. Musitanteri yagize ati: « Amafaranga komine itoza mu makori n’amatagisi yariyongereye, ikaba yabaye imwe mu ntambwe zo […]
0 1min 63

juillet 3, 2025 irisnews257

Abadandaza b’abarundi bahurikiye muri COMESA bagiye kworoherwa mu kuronka ubwishingizi biciye ku buhinga bwa none

Biciye mu bushikiranganji bw’ubudandaji, Uburundi bwaraye bubaye igihugu ca mbere mu bigize umuryango w’isoko rusangi COMESA, mu gutanguza ubuhinga bwa none bise RGTD( Régime Nationale de Garantie du Transit sous Douane), bugiye gukoreshwa mu kurondera impapuro z’ubwishingizi bw’urudandazwa ndengambibe. Hari kuri uyu wa 2 Mukakaro 2025 i Bujumbura Charles Ndagijimana, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe SOCABU yamenyesheje […]
0 2min 59

Imibano


juillet 9, 2025 irisnews257

N’aho ari mu kero k’ibifungurwa bimwe bimwe, hari ibitarakoroka ibiciro

Nk’uko Iris News yabisanze kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 08 Mukakaro 2025, ibifungurwa bimwe bimwe ibiciro vyavyo biri hejuru naho ari igihe cavyo c’isarura Aha twovuga nk’umuceri aho ugurwa hagati y’amafaranga 4.800 na 7.000 Fbu bivanye n’ubwiza bwawo; ibiharage, mu mezi atatu aheze vyagurishwa hagati ya 3.500 na 6.000 FBu ariko ubu bigurwa hagati […]
0 3min 57

juillet 3, 2025 irisnews257

Ingabo z’uburundi mu bikorwa vy’Ubugiraneza mu Rwanda

Mu gihe imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ihitiye mu bibazo kuva muri Nzero 2024, abasirikare b’Uburundi bariko barafasha abanyagihugu bo mu turere twa Ngoma na Nyanza mu Rwanda, biciye mu bikorwa vy’ugufashanya hagati y’igisirikare n’abasivile. Ivyo bikorwa bigeze mu ndwi igira gatanu y’ibikorwa vyahariwe ugufashanya kwa gisivile na gisirikare (cooperation civilo-militaire), bihuriyemwo ibihugu bigize Umuryango wa […]
0 1min 67

Ubuhinga


Lumitel yahinduye ibiciro vy’imitekero ya internet

Ivyo biciro bishasha vyatanguye kugaragara kuva kuri uyu wa 05/7/2025. Impinduka zakozwe mu mice ibiri muri rusangi: ibiciro vy’imitekero vyongerejwe ariko kandi n’imitekero yongerejwe uko ingana Akarorero dufatiye ku mitekero ikunzwe kurusha iyindi: Umutekero wa internet umara ukwezi w’ama GB wahora ugurwa ibihumbi 13 000 ubu ugeze ku bihumbi 18 000. Yamara uwo mutekero waciye […]

Turi bande?

Iris News ni ikinyamakuru rusangi c’Uburundi gifise ibice 6 vy’ubuhinga bitanga amakuru menshi: Ubucuruzi, Ibidukikije, EAC, Ugwaruka, Umuco n’Inkino. Iris News yisobanura nk’“ikinyamakuru c’ibishoboka” gifise intumbero yo gufasha abarundi bakiri bato guhingura u Burundi buteye imbere kandi butagira ingaruka ku bidukikije.


Twandikire